Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Ali Bongo na Jean Ping bahiganirwa kuyobora igihugu
Gabon : Ali Bongo na Jean Ping bahiganirwa kuyobora igihugu
dimanche 28 Myandagaro 2016, par
Abanyagihugu bo mu gihugu ca Gabon barindiriye kumenyeshwa ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yatunganijwe kuri uwu wa gatandatu.
Abahiganirwa ico kibanza ni umukuru w’igihugu Ali Bongo asanzwe ari ku butegetsi hamwe na Jean Ping, inararibonye muvy’imigenderanire, akaba kandi yarigeze no kurongora Komisiyo y’umuryango w’Ubumwe bw’Afrika.

Jean Ping yatangaje ko mu gihe Bongo yokwongera kurongora igihugu, ubutunzi bw’igihugu buzoguma mu minwe y’akagwi kamwe gusa.
Ping yabwiye Abanyegabon ko mu gihe Bongo yotsinda ayo matora, bazoba bahisemwo urupfu, ariko ko mu gihe we yotsinda boba bahisemwo kubaho.
Umukuru w’igihugu Ali Bongo ku ruhande rwiwe yavuze ko urunani rw’abatavuga rumwe nawe rurongowe na Jean Ping ari akagwi k’abarozi bagomba gusubiza igihugu mu ntwaro ya kera.
Tubamenyeshe ko umuryango wa Bongo umaze imyaka irenga 50 urongoye Gabon. Ibizova muri ayo matora vyitezwe gutangazwa mu misi mike iri imbere.
IGIHE