IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Jean Ping yabwiye Ali Bongo ko ibihe vyahindutse

Gabon : Jean Ping yabwiye Ali Bongo ko ibihe vyahindutse

jeudi 1er Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abashigikiye uwitoje mu kibanza c’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Gabon, mu matora y’umukuru w’igihugu, Jean Ping, batanye mu mitwe n’abaporisi, inyuma y’aho bitangarijwe ko umukuru w’igihugu Ali Bongo ariwe yatsinze amatora. Inama nshingamateka y’ico gihugu yaraturiwe iratokmbera yose kuri uwu wa gatatu

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Gabon wamenyesheje ko Ali Bongo yatsindiye gutwara ico gihugu mu kindi kiringo kigira kabiri c’imyaka indwi, ku majwi 49.8% nayo Jean Ping aronka 48.2%.

Uwo aserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Jean Ping, arahakana ivyo biharuro, akavuga ko uwo murwi utegura amatora watanze ibiharuro bitarivyo.
Abamuyoboka baciye bihereza amabaraba, batana mu mitwe n’abaporisi, baturira inama nshingamateka y’ico gihugu.

JPEG - 33.3 ko
Jean Ping, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gabon

Ikibanza kibamwo Jean Ping naco caratewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu n’abasirikare b’igihugu hakoreshejwe ibikoho bikmakmeye, ubu Jean Ping akaba ari mu kinyegero. Aho ari, Jean Ping avuga ko abantu babiri bamuyoboka aribo bamaze kumenyekana ko bishwe kuri uwu wa gatatu muri ico kibanza abamwo catewe, abandi benshi barakomereka.

Uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gabon abwira umukuru w’igihugu Ali Bongo ko bitagishoboka ko ahora ku butegetsi ibihe bidashira, akavuga ko ibihe vy’uguhanahana ubutegetsi ku miryango caheze. Umuryango wa Bongo umaze imyaka irenga 50 ariwo uramutswa ico gihugu, Jean Ping akavuga ko amatora yama yibwe, ariko ko ubu bitagishobotse.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.