Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Gambia : Reta yafashe ingingo ko abagore bose bazoja ku kazi bafutse umushatsi
Yanditswe taliki ya 5-01-2016 - isaha 15:47' na IGIHE

Reta ya Gambia yamenyesheje ko ifashe ingingo yuko abapfasoni bose bazokwama batonda ku mirimo ya minsi yose bapfutse mu mutwe.

Ikinyamakuru cigenga gikorera mu gihugu ca Gambia, kimenyesha ko abapfasoni bose bategetswe gufuka no gupfunga umushatsi naho nyene kitashikirije icatumye iyo ngingo ifatwa.

Mu kwezi guheze, umukuru w’igihugu ca Gambia Yahya Jameh yamenyesheje ko igihugu ca Gambia kirimwo aba Islam benshi kandi ko kibaye Reta ya ki islam.

Agishikiriza ko Gambia kibaye Reta yak i Islam ,yavuze ko ata tegeko rizoshirwaho rijanye n’inyambaro, kandi ko abantu bo mu madini atandukanye atawuzobabuza gusenga aho bashatse.

Yahya Jammeh yakuye igihugu ciwe mw’ishirahamwe Commnwealth, avuga ko ari nko kubandanya gucinyizwa n’ababatwaye mu gihe c’ubukoloni.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.