IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia: Umukuru w’igihugu yatangaje ko kibaye Republika ya Islam

Gambia: Umukuru w’igihugu yatangaje ko kibaye Republika ya Islam

dimanche 13 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu ca Gambia, Yahya Jammeh, yamenyesheje ko igihugu arongoye kirwiriyemwo aba Islam kandi ko kibaye republika ya Islam.

Yaya Jammeh yavuze ko ari intambwe yo kuvavanura na kahise k’abakoloni b’abazungu batwaye ico gihugu.

Umukuru w’igihugu Jammeh yavugiye ku mboneshakure y’igihugu ko ariko amenyesha ibijanye n’akaranga k’idini n’imico vy’igihugu ca Gambia. Yavuze ko ko ata tegeko rigiyeho kandi ko n’abandi basenga mu yandi madini barekuriwe gusenga mu mwidegemvyo.

Mwomenya ko muri ico gihugu ca Gambia ,abarenga 90% ari aba islam.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, EU, ryarahagaritse ivy’agateganyo imfashanyo ryaha ico gihugu mu mwaka w’2014, kubera ukutubahiriza agateka ka zina muntu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.