Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi yashikiriye uburongozi bwa MONUSCO
Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi yashikiriye uburongozi bwa MONUSCO
mardi 2 Ruhuhuma 2016, par
Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi, intwazangabo yo muri Afrika y’Epfo, y’imyaka 59 y’amavuka niwe yagenwe kuba umukuru w’ingabo za ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (MONUSCO). Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi yashitse i Kinshasa kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 31 Nzero 2016, akaba yatanguye amabanga yiwe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016.
Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi yasubiriye mu kibanza carimwo umunya Brésil, Général Carlos Alberto dos Santos Cruz yahejeje ikiringo ciwe kuwa 2 Kigarama 2015, inyuma y’imyaka ibiri n’igice yari amaze muri ayo mabanga.
- Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi arongoye ingabo za MONUSCO
Mu myaka 35 amaze mu gisirikare, iyo ndongozi nshasha ya MONUSCO yamaze imyaka itatu mu Burundi, igihe yagenwa mu 2003 kurongora ingabo za Afrika mu Burundi, MIAB (Mission Africaine au Burundi.) zari zarungitswe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. Mu mwaka w’2004, MIAB yarafashije gutanguza ibikorwa vya ONU mu Burundi (ONUB), Général Mgwebi akaba ariwe yabirongoye gushika mu mpera yavyo mu mwaka w’2006.
Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi yagenwe na Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2015, abatari bake bakibaza namba atoba ahawe gutwara MONUSCO muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kugira nka hamwe mu Burundi hokwaduka uruhagarara ONU izomwikoreko mu kurungika zimwe mu ngabo arongoye muri gihugu Général Derrick Mbuyiselo Mgwebi asanzwe yarakoreyemwo.
IGIHE
Messages
2 Ruhuhuma 2016, 11:49, par BONA
MBE SUMWE UKUGURU KWIWE KUTIGERA GUHONYORA HASI YIGUMIRA MUNDEGE. YEMWE UBURUNDI NTABWAZI NEZA.