IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Général SEJUSA yagirijwe gukengera ubutegetsi bw’igihugu

Uganda : Général SEJUSA yagirijwe gukengera ubutegetsi bw’igihugu

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Général Tinyefuza azwi kw’izina rya Sejusa yahoze arongoye urwego rw’igendereza yagirijwe gusuzugura ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda, akaba ari inyuma y’aho aterewe muri yompi mu gihe hasigaye indwi zitatu gusa kugira amatora y’umukuru w’igihugu wa Uganda abe.

Mu ntahe yo kuri uwu wa kabiri, GénéralJenerali Sejusa yabwiye sentare ya gisirikare ko amatora arimwo ubwigenge kandi yo ku mugaragaro ariyo yonyene azogirira akamaro igihugu.

JPEG - 55.9 ko
Général Sejusa yahoze arongoye igendereza rya Uganda

Général Sejusa yatanguye kugirana ibibazo na Reta ya Uganda mu mwaka w’2013, aho yavuga ku mugaragaro mu mwaka 2006 ko Kizza Besigye, umukandida w’umugambwe FDC yari yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu afise amajwi 69 kw’ijana, ariko mu nyuma birahinduka Kizza Besigye abwirwa ko yaronse amajwi ari munsi ya 30 kw’ijana.

Mu mwaka w’2013, Général Sejusa yahungiye mu Bwongereza inyuma yo kugaragaza ko hari umugambi wo kwica abayobozi bakuru bo muri ico gihugu batari bashigikiye ko umukuru w’igihugu Museveni yoha ubutegetsi umuhungu wiwe w’imfura, Kainerugaba Muhoozi.
Yagarutse muri Uganda mu mwaka w’2014, ariko kuva agarutse, yabandanije kunegura ubutegetsi bwa Museveni mu biganiro yatanga mu bimenyeshamakuru bikorera muri Uganda, akerekana ko ashigikiye abatavuga rumwe na Museveni.

Général Sejusa azwi nk’uwagize uruhara rukomeye mu gufata igihugu ca Uganda mu mwaka w’1981, gushika mu mwaka w’1986 aho umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni yaja ku butegetsi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.