Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Goma : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bazindukiye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Goma : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bazindukiye mu (...)

Goma : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bazindukiye mu myiyerekano

jeudi 26 Rusama 2016, par egide

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bazindutse kuri uwu wa kane, mu gisagara ca Goma, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph Kabila, umukuru w’ico gihugu.

Abanyagihugu batavuga rumwe na Reta bagiriza Joseph Kabila ko ariko ageregeza gutevya amatora kugira ashobore guhindura ibwirizwa shingiro, kuko arivyo vyotuma yitoza mu kiringo kigira gatatu.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizawa shingiro iheruka gufata ingingo ivuga ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ashobora kuguma ku butegetsi, hamwe amatora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe uwu mwaka w’2016 yosiba. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Joseph Kabila bakaba babona ko ariko bizogenda, bikaba bitegekanijwe ko ikiringo c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizorangira kw’igenekerezo rya cumi n’icenda ry’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Martin Fayulu, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi amenyesha ko iyo myiyerekano yatanguye kuri uwu wa kane izotunganwa mu gihugu cose, akagiriza sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ko ari igikoresho c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila. Martin Fayulu avuga ko muri iyo myiyerekano bashaka kwereka iyo sentare ko batemera ingingo yafashe.

Iyo myiyerekano yabaye mu gihe Reta yari yayanse, amasasu akaba yarashwe abari mu myiyerekano i Goma.


IGIHE

Messages

  • Batangiye kwisenyera igihugu, nibabona bigeze aho rukomeye ngo ni KAGAME!!!
    Africa we ufite injiji kbsa. zizi gusenya aho kubaka.

  • Ntimudegure muruhuke mumwomoye mbere muce muza kudufasha nongaha iwacu I Burundi gutuza nkurunziza nakarwi kiwe kuko icatumye atugora nuko kabila ariwe amushigikiye aguma amuha ibirwanisho vyokutumara yongera adupfungira nabacu ataco abaziza ndabateye intege ntimudegure gushika yomotse abasabakuru bibihugu ahubwo nijavyi

  • yewe ntakizokoroha muri africa ikintangaza nuko bashaka kwigumiza kubutegets ukamenga namatongo asiga basekuruza baronse bayagaruje umuheto nguyo kabiranawe timutuma mukuzako ubuhiri ticanke ndabice africa barongozi niwihane

  • jewe iconovuga abakuru bibihugu vya afrika nikobameze baragwaye mumitwe nibareke ataruko arabica abamare ntimubona mugenziwe ngurunziza

  • Aba prezida bibihugu vyacu ndabiyumvirako nkananirwa kubatahura! burya umugabo nyamugabo nuwe mera kubahiriza amategeko yi gihugu, ni mba aruko bameze ! isi izorangira ntukirya nkibwa zihuriye kumagufa.

  • TWIMUJER TWARKWIYE HOSE MURI AFLIKA NIMUTUMEKO ZANDARÀNGAVYEZANKURUnziza zihongor injavyi

  • IYIMUJERI YIYITA TARI KUVUZENGO NKURUNZIZA NAKAGWIKIWE NONE NIBARAKAGWI HANYUMA KAKIRUKANA UMUGWI WUNVA MUMAZ IKI?KUMBE IYAVUZE KO MURI TWIMUJERI NTABABESHE?PACIFICE YAHORA YANGATWA NGO NAKAGWI KABANTU BADASHIKA NACUMI NENE NIKO KATUMYE MUHUNGA MUNGANA IBIHUMBI 250000?BACUMUGANINGO INKUBISI YAMAVYI ITARAYAKUBITA NGWAYIGWE MUKANWA NTIMENYA KWANUKA

  • nyuma yiminsi mike muzavuga ngo kagame , kagame niwe ubitera byose

    ariko muzamenya ukuri nyuma nguho kabila nawe na Congo yiwe baratangiye ibyo byerekana febresse yabayobozi batazi icyo gukora
    ibimaramare gusa

  • hhhh !!!!!! Niyo mpamvu mvuga ndirimba nti Genda Rwanda uri nziza,,,, kuko uko mbibona ndabona ubuhungiro busigaye mu Rwanda kuko ahandi hose muri ibi bihugu Nakabura gusa mugihe abandi baturage bo mu Burundi ,Congo ,,,,bari kwamagana abakuru bibihugu byabo mu Rwanda ho abaturage barasaba ko umubyeyi Kagame Paul yakomeza kuyobora u Rwanda kandi ibyo byose bakabikora mw’ituze ntakajagari. Nukiri abanyarwanda barasobanutse peeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.