Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Goma : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bazindukiye mu (...)
Goma : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kabila bazindukiye mu myiyerekano
jeudi 26 Rusama 2016, par
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bazindutse kuri uwu wa kane, mu gisagara ca Goma, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph Kabila, umukuru w’ico gihugu.
Abanyagihugu batavuga rumwe na Reta bagiriza Joseph Kabila ko ariko ageregeza gutevya amatora kugira ashobore guhindura ibwirizwa shingiro, kuko arivyo vyotuma yitoza mu kiringo kigira gatatu.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizawa shingiro iheruka gufata ingingo ivuga ko umukuru w’igihugu Joseph Kabila ashobora kuguma ku butegetsi, hamwe amatora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe uwu mwaka w’2016 yosiba. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Joseph Kabila bakaba babona ko ariko bizogenda, bikaba bitegekanijwe ko ikiringo c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizorangira kw’igenekerezo rya cumi n’icenda ry’ukwezi kw’icumi na kabiri.
Martin Fayulu, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi amenyesha ko iyo myiyerekano yatanguye kuri uwu wa kane izotunganwa mu gihugu cose, akagiriza sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ko ari igikoresho c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila. Martin Fayulu avuga ko muri iyo myiyerekano bashaka kwereka iyo sentare ko batemera ingingo yafashe.
Iyo myiyerekano yabaye mu gihe Reta yari yayanse, amasasu akaba yarashwe abari mu myiyerekano i Goma.

IGIHE
Messages
26 Rusama 2016, 14:59, par karangwa
Batangiye kwisenyera igihugu, nibabona bigeze aho rukomeye ngo ni KAGAME!!!
Africa we ufite injiji kbsa. zizi gusenya aho kubaka.
26 Rusama 2016, 15:32, par tari
Ntimudegure muruhuke mumwomoye mbere muce muza kudufasha nongaha iwacu I Burundi gutuza nkurunziza nakarwi kiwe kuko icatumye atugora nuko kabila ariwe amushigikiye aguma amuha ibirwanisho vyokutumara yongera adupfungira nabacu ataco abaziza ndabateye intege ntimudegure gushika yomotse abasabakuru bibihugu ahubwo nijavyi
26 Rusama 2016, 15:59, par honore
yewe ntakizokoroha muri africa ikintangaza nuko bashaka kwigumiza kubutegets ukamenga namatongo asiga basekuruza baronse bayagaruje umuheto nguyo kabiranawe timutuma mukuzako ubuhiri ticanke ndabice africa barongozi niwihane
26 Rusama 2016, 21:25, par ndayishimiye rama
jewe iconovuga abakuru bibihugu vya afrika nikobameze baragwaye mumitwe nibareke ataruko arabica abamare ntimubona mugenziwe ngurunziza
27 Rusama 2016, 08:05, par Morodikayi Jon
Aba prezida bibihugu vyacu ndabiyumvirako nkananirwa kubatahura! burya umugabo nyamugabo nuwe mera kubahiriza amategeko yi gihugu, ni mba aruko bameze ! isi izorangira ntukirya nkibwa zihuriye kumagufa.
27 Rusama 2016, 09:06, par intagoheka
TWIMUJER TWARKWIYE HOSE MURI AFLIKA NIMUTUMEKO ZANDARÀNGAVYEZANKURUnziza zihongor injavyi
27 Rusama 2016, 17:42, par INTAGOHEKA
IYIMUJERI YIYITA TARI KUVUZENGO NKURUNZIZA NAKAGWIKIWE NONE NIBARAKAGWI HANYUMA KAKIRUKANA UMUGWI WUNVA MUMAZ IKI?KUMBE IYAVUZE KO MURI TWIMUJERI NTABABESHE?PACIFICE YAHORA YANGATWA NGO NAKAGWI KABANTU BADASHIKA NACUMI NENE NIKO KATUMYE MUHUNGA MUNGANA IBIHUMBI 250000?BACUMUGANINGO INKUBISI YAMAVYI ITARAYAKUBITA NGWAYIGWE MUKANWA NTIMENYA KWANUKA
28 Rusama 2016, 18:40, par VINCENT
AFIKA YARAGOWE
30 Rusama 2016, 13:47, par turaje
nyuma yiminsi mike muzavuga ngo kagame , kagame niwe ubitera byose
ariko muzamenya ukuri nyuma nguho kabila nawe na Congo yiwe baratangiye ibyo byerekana febresse yabayobozi batazi icyo gukora
ibimaramare gusa
30 Rusama 2016, 16:50, par karuranga fred
hhhh !!!!!! Niyo mpamvu mvuga ndirimba nti Genda Rwanda uri nziza,,,, kuko uko mbibona ndabona ubuhungiro busigaye mu Rwanda kuko ahandi hose muri ibi bihugu Nakabura gusa mugihe abandi baturage bo mu Burundi ,Congo ,,,,bari kwamagana abakuru bibihugu byabo mu Rwanda ho abaturage barasaba ko umubyeyi Kagame Paul yakomeza kuyobora u Rwanda kandi ibyo byose bakabikora mw’ituze ntakajagari. Nukiri abanyarwanda barasobanutse peeee