IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Goma: Igipolisi carashe abari mu myiyerekano

Goma: Igipolisi carashe abari mu myiyerekano

jeudi 22 Nzero 2015

Amakuru ava mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo avuga ko igipolisi carashe ku bantu bari mu myiyerekano mu gisagara ca Goma, mu Buseruko bw’igihugu.

Uyu ni umunsi ugira kane w’imyiyerekano yo kwiyamiriza amahinduka mw’ itegeko rigenga amatora, avuga ko hagomba kubanza kubaho iharurwa ry’abanyagihugu ariyo rusansuma imbere y’uko amatora y’umukuru w’igihugu ateganijwe mu mwaka uza aba.
Abajejwe umutekano rero bakaba barashe abantu, abatari bake bakaba bapfuye, n’abanyeshure babiri bakomeretse nk’uko bivugwa na AFP, itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta iravuga ko itegeko rishaka gushirwaho rigamije gutevya amatora kugira umukuru w’igihugu Yozefu Kabila bikunde agume ku butegetsi kandi ikiringo ciwe co gutwara kiri mu kurangira mu mwaka uza. Ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 21 Nezro, umukuru wa Ekleziya Gatolika, muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaratangaje ko ashigikiye iyo myiyerekano. Cardinal Laurent Monsengwo yasavye abategetsi guhagarika kwica abanyagihugu nk’uko yabishikirije mu majambo yiwe. Yasavye abari mu myiyerekano kuyikora mu mahoro. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, aravuga ko abantu barenga 40 bamaze kugwa muri iyo myiyerekano.

Reta ya Congo yo yavuze ko abantu bagera kuri 11aribo baguye muri iyo myiyerekano kuva kuwa mbere kandi ko benshi ari abariko barasahura. Imigambwe myinshi itavuga rumwe na Reta, aravuga ko itegeko rishaka gushirwaho rigamije gutevya amatora, kugira ngo umukuru w’igihugu Yozefu Kabila agume ku butegetsi inyuma yo kurangiza ikiringo ciwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.