IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Grace Mugabe yipfuza gusubirira umugabo wiwe

Zimbabwe : Grace Mugabe yipfuza gusubirira umugabo wiwe

mercredi 22 Gitugutu 2014

Grace Mugabe umutambukanyi wa Robert Mugabo yabonye ko umushingantahe wiwe imyaka yo kutagishobora kurongora igihugu yamujanye, ubu ariko yiyamamariza gutwara umugambwe Zanu-PF.

Grace Mugabe akaba amaze iminsi agenda mu bisagara bitandukanye biboneka ko ariko ariyamamaza, aho aciye hose akaba avuga nabi abasanzwe barongoye uwo mugambwe usanzwe ariwo washikanye umugabo wiwe ku butegetsi. Grace Mugabe bikaba binashika ndetse aho anavuga ko abo barongoye umugambwe Zanu-PF ubu ari imburakimazi. Iyo ntebe y’umukuru w’umugambwe akaba ashaka kuyicaramwo, abanje kwitoza kurongora ishirahamwe ry’abagore bari muri Zanu-PF, ivyo kandi bigasa n’ibitazomugora, kuko uwusanzwe arongoye iryo shirahamwe asa we n’uwamaze kumuhebera.

Grace Mugabe rero bamwe bakabona ko ariko arimbira icobo uwo mugambwe usanzwe uri ku butegetsi, abandi nabo bakavuga ko bitazomworohera gushika muri ico kibanza kuko abarindiriye ko Robert Mugabe amenyesha ko atagishoboye gutwara kugira bahatanire ico kibanza ari benshi. Ariko naho biri uko, Grace Mugabe akaba ashigikiwe n’umushikiranganji w’ubutungane w’ico gihugu kandi asanzwe anemewe gose, uwo nawe akaba ari Emmerson Mnangagwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.