Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu kigira gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
Igihugu kigira gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
mardi 6 Nyakanga 2016, par
Inama y’abashikiranganji bajejwe umuryango wa Afrika y’ubuseruko yakoranye kuri uwu wa mbere i Arusha muri Tanzania, iremeshejwe n’umunyabanga mukuru w’uwo muryango. Muri iyo nama, bakiriye ku mugaragaro igihugu ca Sudan y’epfo, nk’igihugu kigira gatandatu cinjiye mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.
Intumwa zidasanzwe za Reta ya Sudani y’Epfo zatanze inzandiko zirimwo izasinywe n’umukuru w’ico gihugu hamwe n’izemejwe n’inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo, zigaragaza ko ico gihugu cinjiye burundu muri EAC.
Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Liberat MPfumukeko yamenyesheje icese ko igihugu ca Sudani y’Epfo cujuje ibisabwa kugira cinjire muri uwo muryango.
- Intumwa zidasanzwe za Reta ya Sudani y’epfo ziri kumwe n’umunyamabanga mukuru wa EAC, Liberat Mpfumukeko (atangura i buryo)
Mpfumukeko mw’ijambo ryiwe imbere y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’ibihugu vyabo yavuze ati : "Igihugu ca Sudani y’epfo kibaye umwe mu muryango, gifise uburenganzira n’amahirwe angana kandi vyuzuye nk’ibindi bihugu bitanu vyari bisanzwe muri EAC."
Yamenyesheje ko ico gihugu ca Sudani y’epfo ari nk’umwana amaze imyaka itanu avutse, none atanguye kwinjira mu muryango, kuko Sudani y’Epfo kimaze imyaka itanu kironse ubwigenge.
Sudani y’epfo yinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko irimwo ibibazo vy’intambara. Ibindi bihugu bibona ko ari akarusho kugira umuryango utorere umuti ico kibazo. ko ari akaryo nyako kugira umuryango wose nawo wiyumve ko ari nkaho urwaye.
IGIHE
Messages
6 Nyakanga 2016, 10:27, par Yaya
That is bushet bariko barafashiki u Burundi muzoja gufasha South Sudan just seat there and relax your doing nothing in community
6 Nyakanga 2016, 19:35, par Keliss
It’s very good to hold an other country in our community.we imvite others country to come,just to be a great community like U S A.Thks
6 Nyakanga 2016, 22:49, par Bizohinduka
Nibindi Bihugu Ahubwo Nibize Erega Umutwe Umwe Ntiwigira Inama Ntimubona Ko Africa Iguma Iri Inyuma Kandi Ifise Ubutunzi Umengb Ntitububona Gusa Harabuze Numwe Yokora Nkivyo Omar Khadafi Yagomba Gukorera Africa
9 Nyakanga 2016, 21:27, par Romuald
C,est Bon Sudan Entre Comme Chez VS Ds La Communaute.
10 Nyakanga 2016, 00:27, par Theos
Barahawe Ikaze Baje Muribene Se