Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu kigira gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu kigira gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko

Igihugu kigira gatandatu cinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko

mardi 6 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama y’abashikiranganji bajejwe umuryango wa Afrika y’ubuseruko yakoranye kuri uwu wa mbere i Arusha muri Tanzania, iremeshejwe n’umunyabanga mukuru w’uwo muryango. Muri iyo nama, bakiriye ku mugaragaro igihugu ca Sudan y’epfo, nk’igihugu kigira gatandatu cinjiye mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

Intumwa zidasanzwe za Reta ya Sudani y’Epfo zatanze inzandiko zirimwo izasinywe n’umukuru w’ico gihugu hamwe n’izemejwe n’inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo, zigaragaza ko ico gihugu cinjiye burundu muri EAC.

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Liberat MPfumukeko yamenyesheje icese ko igihugu ca Sudani y’Epfo cujuje ibisabwa kugira cinjire muri uwo muryango.

JPEG - 54.4 ko
Intumwa zidasanzwe za Reta ya Sudani y’epfo ziri kumwe n’umunyamabanga mukuru wa EAC, Liberat Mpfumukeko (atangura i buryo)

Mpfumukeko mw’ijambo ryiwe imbere y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’ibihugu vyabo yavuze ati : "Igihugu ca Sudani y’epfo kibaye umwe mu muryango, gifise uburenganzira n’amahirwe angana kandi vyuzuye nk’ibindi bihugu bitanu vyari bisanzwe muri EAC."

Yamenyesheje ko ico gihugu ca Sudani y’epfo ari nk’umwana amaze imyaka itanu avutse, none atanguye kwinjira mu muryango, kuko Sudani y’Epfo kimaze imyaka itanu kironse ubwigenge.

Sudani y’epfo yinjiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko irimwo ibibazo vy’intambara. Ibindi bihugu bibona ko ari akarusho kugira umuryango utorere umuti ico kibazo. ko ari akaryo nyako kugira umuryango wose nawo wiyumve ko ari nkaho urwaye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.