Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitigiri c’abasirikare bagarukana umutekano muri Centrafrika kigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igitigiri c’abasirikare bagarukana umutekano muri Centrafrika kigiye (...)

Igitigiri c’abasirikare bagarukana umutekano muri Centrafrika kigiye kwongerezwa

jeudi 30 Nzero 2014

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yatanze uruhusha rw’uko hokongerezwa ingabo z ‘abanyaburaya zoja gufasha kugarukana umutekano mu gihugu ca Centrafrika, aho zizosahiriza iz’abafaransa hamwe n’iz’abanyafrika zisanzwe ziriyo.

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku munsi wa kabiri w’igenekerezo rya 28 Nzero 2014 yaratanze uruhusha kugira n’abandi basirikare b’abanyaburaya bongerezwe mu kuja kugarukana umutekano. Abo basirikare rero bakazofasha abandi basirikare basanzwe bariyo. Hakaba hazorungikwa abasirikare 500 bo mu bihugu vy’uburayi, aho bazosangayo abandi 5000 bo muri Afrika (MISCA : Force de l’union Africaine), hamwe n’abandi 1600 b’abafaransa.Izo ngabo rero zitwa EUFOR RCA zikazorongorwa n’umufaransa, Général Philippe Ponties afise imyaka 55 y’amavuko.

JPEG - 17.3 ko
Ingabo z’abarundi ziri muri Centrafrika

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga ko n’imiburiburi hari hakwiye ingabo 10000 z’abafaransa kugira zishobore kugarukana umutekano muri ico gihugu, kuko ibintu vyifashe nabi, kandi n’igihugu kikaba ari kinini gose, nk’uko vyashikirijwe na Gérard Araud, uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Mwomenya ko iyo nama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yoba iriko irategekanya ibihano kuri abo bose babandanya bahungabanya umutekano mu gihugu ca Centrafrika. Abazohanwa rero bakaba bazomenyeshwa mu minsi iza n’umurwi usanzwe uzokorana n’iyo nama nkuru y’umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.