Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Ihohoterwa ryoba ryakorewe Richard Sezibera rigiye gusuzumwa
Yanditswe taliki ya 27-11-2015 - isaha 09:10' na IGIHE

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) itegekanya gusuzuma ihohoterwa ryakorewe Richard SEZIBERA, Umunyamabanga mukuru w’Umuryango wa Afrika y’ubuseruko, mu gihe yari mu rugendo rw’akazi mu Burundi.

Mu nama ya bose iriko ibera i Kigali, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 26 Munyonyo 2015, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Daniel Fred Kidega, yamenyesheje ko iyo nama ya bose yamusavye ko yokurikirana ico kibazo. Inama y’abashikiranganji bajejwe ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko mu bihugu bitanu bigize uwo muryango, igiye gusabwa kugaragaza uko vyagenze mu Burundi.

Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira mu nama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu 2015, mu gihe Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi yagira yakire Crispus Kiyonga, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Uganda, akaba kandi n’intumwa idasanzwe ya Yoweri Kaguta Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda aheruka gusabwa n’amakungu ko ariwe yohagararira ibiganiro vy’ukurondera gutorera umuti ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 32.1 ko
Richard SEZIBERA, Umunyamabanga mukuru w’Umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yasiguye ko Richard SEZIBERA yankiwe kwinjira muri uwo mubonano kuko atari ari ku rutonde rw’abo Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi yari kwakirira hamwe na Crispus Kiyonga, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Uganda.

Mu gihe bivugwa ko Richard SEZIBERA, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yasunitswe n’abajejwe umutekano mu nama nkenguzamateka y’Uburundi, mw’ikete ryandikiwe umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, inama nkenguzamateka y’uburundi yamenyesheje ahubwo ko Richard SEZIBERA ariwe yashatse kwinjira ku nguvu muri uwo mubonano, abajejwe umutekano baramwankira.

Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko amenyesha ko amakuru azotangwa n’inama y’abashikiranganji bajejwe ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko mu bihugu bitanu bigize uwo muryango ariyo azogenderwako mu gufata izindi ngingo.

Ivyiyumviro vyanyu

ehhh igihugu cuburundi ntikigira umutware nimubitahure, abariko baratwara nabivye ingoma naba voyou nabamenja ububegito bwose barabufise mwihangane bategetsi mutugendera

1er.12.2015 à 23:33
irahumuriza

Aba ba types ngo ni aba DD ntabwenge nta burere ewe Burundî bwiza dukunda Turagusengera ngo Imana igukize akabi kaguhanze

1er.12.2015 à 14:00
fofo

abarundi baba CNDD EFDD bakwiye kwemera ko atzbwenge bafs.

29.11.2015 à 21:05
mukwe

Ubwo rero mwarishimye ngo mwakoze igikorwa kiza ? Kabisa ntawab
arenganya ibyo mwakoze bingana n’ubwenge bwanyu twa nta mwanya twabona guta kubarundi kuko ubwenge bwanyu buracuramye

29.11.2015 à 18:03
rwanda

Abarundi bazi unwenge , urwanda ruinwirako inihugu byose ari Congo . Non , vive Burundi , vive abarundi.

28.11.2015 à 20:05
Ruswa

abarundi nta ndero mukigira kabisa

28.11.2015 à 18:35
Hope

Abo bicanyi b’Abanyarwanda turazi iyo baje i Burundi mu ma institutions ibikwirikira. Ni agende twizere ko atazogarukana ishano mu Burundi. Hanyuma azokubitwe. Barigize ibimungu muri ako karere kandi urupfu rwa beshi ruzova kuribo. Abanyanrwanda amaraso y’imiliyoni 5 ku butaka bwakango ntarabahaza none mushaka ay’Abarundi nayo, ararura.

28.11.2015 à 14:22
Kanura

Ahaa seziberawe ihangane ntakundi hariwe nimbwa

27.11.2015 à 21:42
paruku shabani

ahaaa icyo nicyo twari dutegereje kabisa agasuzuguro kabo kararambiranye kabisa

27.11.2015 à 18:52
turaje

Abanditse bose ibojanye nuyi Sezibera nabanyagwanda bababajwe nuko baribatumwe na kagame ngo ashikane ubutumwa bugoramye canke amusumire urusaku biraba uko bazovyumva mumenye Mandi mutahure ko na mumusarani utinjirayo utadodoye muagabo sinzi mugwanda ko bapfa kwiyinjirira patadodoye, cakwe ko numucumba cabana bababo bacinjiramwo batadodoye ahubwo ntamaramara sintahura ko atakamogi yari ya nyoye !!!!

27.11.2015 à 18:50
frodebu

Abanditse bose ibojanye nuyi Sezibera nabanyagwanda bababajwe nuko baribatumwe na kagame ngo ashikane ubutumwa bugoramye canke amusumire urusaku biraba uko bazovyumva mumenye Mandi mutahure ko na mumusarani utinjirayo utadodoye muagabo sinzi mugwanda ko bapfa kwiyinjirira patadodoye, cakwe ko numucumba cabana bababo bacinjiramwo batadodoye ahubwo ntamaramara sintahura ko atakamogi yari ya nyoye !!!!

27.11.2015 à 18:49
frodebu

hhhhh numvise abayobozi benshi ariko aba bobo baransekeje gose .

27.11.2015 à 15:56
me

Sezibera umvandakubwire hari reta nyazo hakaba nareta zabasazi aba babarbar iyiwacu niyaba barbard uvyumve neza kandibariya bagukubaguye ninterahamwe dufise iburundi twambise impuzu zigiporisizizirana numututsi uwariwewese aba dd bazizanye kuri renfort ihangane mugani wanyu

27.11.2015 à 13:50
Niyonkuru

Kwiyadukiza ngonuko urumutegetsi ukisuka mubintu ubutumire ! Yemwe ivyihebe kw’Isi !!!

27.11.2015 à 13:30
Hutsi

bamuvuga make mbe #sezibera yinjira atatumiwe nkande ?yariyibajije ngo ni munama nkenguzamateka y’irwanda ?ahubwo aba polisi biburundi baritonda.yobamuha akanembo nakamwe.yinjira yariyabaye piter bamuhaye agakebuzo kugirabone ko rutitaha.azogira icatinya.

27.11.2015 à 13:17
hassani

wewe uvuga ngo ntigwitaha yooh urababaje igihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka wewe ubona gifise uwugitwara nimvugo ninyifato yabatwara irateye isoni eka nabakuriye mwishamba.

27.11.2015 à 12:52
Rosa kamakazi

Mu vyukuri ivyakorewe Sezibera biramaramaje ku barongozi buburundi na cane cane Ndikuriyo reverien ,igihugu kugira indogozi zifise ivyiyumviro vyo gukoresha igikenye kuba diplomate nikimenyetso cuko Uburundi bwahuye ningorane zo kurongorwa nabantu batabushitse.Birateye isoni !

27.11.2015 à 12:19
amani sasita

biracagoye kweli. erega mukumufata nabi, bamufashe ka munyarwanda, bibagira ko yari muri cadre ya eac. birababaje cane kuko uyo reveriano afise umuganuzi muvya politike na diplomasi yakoze muri eala. nawenyene abahora bazi ngo ni incabwenge nibamumenye ko inda yamutanze kumuryango.

27.11.2015 à 12:10
maso

abarundi nabicanyi ahubwo yarahacwe asimir,imana.none kwatariyatumiwe yamenye gute kw,iyonama iba canke nahibera.ahobwo nimusingeze abobarundi batagira indero

27.11.2015 à 12:04
BABA BABA

Kirya kigorye reverien ndikuriyo kitazi ce que c’est le droit de l’homme ou l’huminité d’un dignitaire kigiy kwigishwa kand kizomenya

27.11.2015 à 11:45
Démocrate SINDUMUJA
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.