Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ikiza Ebola kiracagoye gutuza muri Afrika y’uburengero
Ikiza Ebola kiracagoye gutuza muri Afrika y’uburengero
jeudi 8 Nzero 2015
Ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero vyakozweko cane n’ikiza ca Ebola vyaragize utwigoro tudasanzwe kugira bishobore gukinga ico kiza ntikibandanye gikwiragira, ariko rero ihangiro bari bihaye ntibashoboye kurishikako nk’uko ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS (Organisation Mondiale de la Santé) ribimenyesha.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryashinze ko guhera kuwa 1 Gitugutu biha iminsi 90 yo gushira ukwabo abafise indwara ya Ebola yaba abo muri Guinée, Sierra Léone hamwe no muri Liberia, n’ifubwa ry’abapfuye rikaba mu buryo bukingiye ijana kw’ijana, kuko n’ibiziga vy’abahitanwe na Ebola vyanduza.
Ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryibutsa ko inguvu zari zashizwe mu kurwanya ico kiza muri iryo hangiro bari bihaye zobandanya zongerezwa kugira bakirandurane n’imizi. Mu biharuro biheruka gushikirizwa, ico kiza kimaze guhitana abantu bashika ku 8235 ku bandi 20747 bamaze gufatwa mu kiringo kitarenze umwaka umwe gusa.
Mu bihugu bitatu muvyo muri Afrika y’ubuseruko, aho abantu benshi bafashwe n’iyo ndwara, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryaratanze imfashanyo y’ibitanda bitari bike ku bafashwe n’ico kiza.
Igihugu ca Liberia ari naco gisanzwe giharura abahitanywe n’ico kiza benshi carashoboye kugabanya guhanahana iyo ndwara. Mu gihugu ca Guinée hamaze kumenyekana bafashwe n’iyo ndwara 2775 harimwo 1781 bitavye Imana. Mu gihugu ca Sierra Leone, igihugu casinzikajwe cane n’ico kiza naco nyene abanduye bose hamwe ni 9780 ku 2943 bitavye Imana. Ariko rero n’ubwo mu gihugu cose ca Guinée cashikiriwe n’iyo ndwara ya Ebola, ibigo vyose bivura iyo ndwara biri ku murwa mukuru w’intara gusa, nk’uko bishikirizwa na OMS.
Ikigo ca ONU kiremeza ko ibihugu bitatu bimeze kumenya ingene bihamba abahitanywe na Ebola batanduje abandi. Iryo shirahamwe rikagabisha ko atawofata minenerwe iyo ndwara mu gihe ibiharuro vyerekana ko uwo mugera wica 60 kw’ijana vy’ababa bashitse mu bitaro hamwe n’ibice 71 kw’ijana vy’abayirwaye bataronse umuti n’umwe. Muri abo bafatwa n’iyo ndwara hakaba harimwo n’abaganga baba bariko bafasha.
Floxella Karire