Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imiriyoni 200 z’abantu nizo zisinzikarizwa amagara n’imyuka mibi
Imiriyoni 200 z’abantu nizo zisinzikarizwa amagara n’imyuka mibi
jeudi 7 Munyonyo 2013
Abantu barenga imiriyoni 200 kw’isi yose nibo basinzikarizwa amagara bivuye ku myuka iva mu mahinguriro.
Abantu imiriyoni amajana abiri (200) nibo basinzikarizwa amagara bivuye ku myuka isohorwa n’amahinguriro.
Igisata ca Blacksmith Institute na Green Cross, ayo akaba ari amashirahamwe abiri yashinzwe n’uwitwa Mikhail Gorbatchev, niyo yamenyesheje kuri uyu wa kabiri, ibibanza bitatu vyasinzikajwe niyo myuka y’amahinguriro. Ivyo navyo bikaba biri mu bihugu nka Argentine, ibihugu vya buraya, Aziya, hamwe na Afrika.

Muri ivyo bibanza, bitatu vyasinzikajwe kw’isi yose ubisanga muri Afrika, mu gice kimwe c’ibihugu vya buraya hamwe no muri Aziya.
Ibihugu bimwe bimwe vyatanguye kwikubita agashisha mukwugara ayo mahinguriro asohora ivyuka bitera ingwara, ivyo navyo bikaba vyaciye bikugwa ku rutonde rwagizwe n’amashirahamwe Blacksmitth Institute hamwe na Green Cross. Kukabankako, urwo rutonde rw’ibihugu vyasinzikajwe n’ivyuka biva mu mahinguriro bishobora kujamwo igihugu c’Ubuyapani (Japon) bivuye ku ngaruka mbi ziturutse kuri Fukushima.
Ibahari ya Niger, Kabwe na Zambiya, hamwe n’agace ka Agbogbloshie, mu gisagara ca Ghana (Accra) nivyo bimenyeshwa kwarivyo bisinzikajwe n’imyuka mibi iva mu mahinguriro, ivyo bigaterwa n’uko isi yo murivyo bihugu irimwo plomb, mercure hamwe na petrole.
Sabiteka Alida