Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Imyiteguro yo gushingura Mandela irabandanya
Imyiteguro yo gushingura Mandela irabandanya
vendredi 13 Kigarama 2013
I Qunu, igiporisi hamwe n’igisirikare baguma barikanuye kugira ntihagire umuntu n’umwe yegera inyubakwa ya Nelson Mandela.
Ku munsi wa gatandatu niho isandugu ya Mandela izoshika i Qunu, aho Nelson Mandela yavukiye yongera arakurira, mbere akazonahashingurwa ku munsi w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2013.

Kuva kuri uwu wa gatanu, ako gasagara k’i Qunu kakaba gacungerewe bikomeye, eka n’amabarabara yose acunzwe n’igiporisi. Abo bajejwe umutekano bameze magabo kugira babuze umuntu wese yohirahira ngo yegere inzu ya Nelson Mandela, canke ahari itongo ry’abapfuye, aho uwo muhisi Mandela azopfubwa.
Kuva havuzwe urupfu rwa Mandela,abasirikare hamwe n’igiporisi baciye bamera magabo. Abamenyeshamakuru bazohagarika imiduga yabo ku gasozi kari iruhande y’ahazobera ivyo birori, amahema azokwakira abantu barenga ibihumbi bitanu akaba yamaze gushikanwa.

Abamenyeshamakuru batandukanye bo kw’isi yose bamaze gutangura gushika i Qunu. SABC (South African Broadcasting Corporation), hamwe n’imboneshakure y’igihugu n’ivyo vyemerewe kwegera ico kibanza, abandi bose bazoja ku kirometero kimwe.
Nta hamwe hahagarikwa imiduga bita parking hahari, yaba ku bamenyeshamakuru canke ku baje bitavye ivyo birori. Imvura imaze iminsi igwa yoba itavyoroheje na gato kuko huzuye urwondo, hari n’imiduga yashaye.
"Tuguma dukora ibishoboka vyose kugira ibintu bizogende neza. Hazoba hari imiduga myinshi.", ivyo bishikirizwa na Godwin, umwe mu bariko barakora kugira ku munsi w’Imana ibintu bizobe biri mu buryo.
Yabandanije ati : "Sinzi abantu bazoza muri ivyo birori ariko ico nzi coco n’uko iki kibanza ari gito, abantu bose ntibazoronka aho bahagarika imiduga yabo."
Mariella Bukuru