IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abanyeshure ba kaminuza batewe ivyuka bikoroza amosozi gushika n’aho (...)

RDC : Abanyeshure ba kaminuza batewe ivyuka bikoroza amosozi gushika n’aho baryama

mercredi 21 Nzero 2015

Imyiyerekano mu gisagara ca Kinshasa isa ni uko yasubiye kuba mishasha kuva aho abasirikare bo ku kurimba kwa Kabila, bagiye gutera ubwoba abanyeshure bo muri kaminuza ya Kinshasa.

Igihe c’isaha imwe yo mugatondo, abasirikare basanzwe bari mu bacungera ubuzima bw’umukuru w’ico gihugu, bakaba bazindukiye mu bigo vya kaminuza ya Kinshasa bagiye gutera ubwoba abo banyeshure, gushika naho babasanze mu vyumba bararamwo. Abo banyeshure rero bakaba baciye basubira kwihereza amabarabara bamwe bagiriza igisirikare kuvogera aho bakika umusaya, abandi nabo babandanya biyamiriza itegeko rigenga amatora.

Abo banyeshure bakaba baciye bugara amabarabara yose yinjira muri iyo kaminuza, abasirikare nabo babajamwo n’ivyuka bikoroza amosozi, bongera bararasa hejuru kugira biruke. Abo banyeshure bakaba barinze abo bajejwe umutekano, ariko abo bajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu Joseph Kabila, baca basanga abo banyeshure mu vyumba vyabo aho abandi bari bahungiye, babasukamwo ivyo vyuka bikoroza amosozi.

Ishirahamwe rya Buraya rikaba ryasavye ko hogaruka umwizero mu banyagihugu, ndetse hakubahirizwa itegeko rigenga amatora muri ico gihugu. Abanyagihugu bagera ku 342 bakaba bamaze gufatwa batabwa muri yompi bagirizwa gutegura iyo myiyerekano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.