IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inkuru y’umubabaro ku Barundi n’abandi bahora baja kwivuriza ingwara ya (...)

Inkuru y’umubabaro ku Barundi n’abandi bahora baja kwivuriza ingwara ya Kanseri muri Uganda

vendredi 8 Ndamukiza 2016, par egide

Icuma kimwe conyene muri Uganda yose gikoresha imishwarara y’izuba mu kuvura ingwara ya kanseri mu buhinga bita « Radiotherapie », mu rurimi rw’igifaransa, cononekaye ubutagikorwa.

BBC ivuga ko ico cuma kiri ku bitaro vya Mulago ku murwa mukuru Kampala, cari kimaze gukorwa incuro nyinshi mu bihe biheze, ariko ubu uko bimeze, bikaba vyananiranye.

Igisata kivura ingwara ya kanseri mu gihugu ca Uganda kironka abarwanyi ibihumbi mirongo ine na bine ku mwaka, bavuye muri ico gihugu nyene, hamwe no mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Uburundi na Sudani y’epfo.

JPEG - 34.9 ko
Icuma kimwe conyene muri Uganda yose cahora gikoreshwa mu kuvura ingwara ya kanseri

Muri abo barwanyi bose bahora baja kwivuriza muri Uganda, hafi ibice bitatu vya kane baba bakeneye gucishwa muri ico cuma cononekaye ubutagikorwa.

Ico gisata gisaba ubushikiranganji bujejwe amagara muri Uganda ko hogurwa ikindi cuma, ariko bikaba bitaramenyekana igihe kizogurwa.


IGIHE

Messages

  • Abo barwanyi nibo baguma badugekura muburundi rero kirakabona gipfuye ndabe basindumuja aho bazivuriza abarwanyi ibihumbi mirongo twaramba twe abaturage bavakwivuza bagateragira amagrenade??ndabarahiye nabo umengo mukubiswe ninkuba??

  • Wowe wiyise karorero ufise uburwayi bwo mu mutwe. Baguhenze ko ico cuma cavuraga abo mutavuga rumwe gusa? Harya mwe murafise urucanco rwa cancer ntimwayirwara ngo mugikenere?

  • Mbega yemwe,burya abantu baragenda bahagaze tukibazako bakiri bazima ariko barapfuye. nk’uyu Karorero ahimbawe nuko ico cuma capfuye nuko wew aziko ata kanseri arwaye canke atazokwigera aja kuhivuriza.ariko na journaliste yandits ikisa ni abarwanyi canke abarwayi,nibazako ari abarwayi.kuko ntakuntu umuntu akwije mu mutwe yokwibazako ico cuma cavura "abarwanyi ". Karorero uri ikigwarudubi kweri!

  • None n’iki kibura ngo Uburundi buronswe canke bugure icuma nk’ico cofasha abanyagihugu baja kwivuriza muri Uganda ?

  • Ico cuma Numvaari Ciza Wewe p6

  • Ico cuma Numvaari Ciza Wewe p6

  • Ndumiwe gusa,karorero afise umubiri?

  • UBUGANDA BWINJIZA AMAHERA MESHI MUBISATA VYISHI, UBUSHIKIRANGANJI BUJEJWE AMAGARA NIBWIHUTE KUGURA IKINDI KUKO N’INGIRAKAMARO MU GIHUGU NO MUKARERE.

  • Jewe niyumvisemwo kubanokigurira mfatikanije nabotuvumvakumwe kuko nisunze ukwotuneze simbona amahera yotunanira yokukigura, niyabavyemewe rero ko abikorera utwabo bakigura nihagire turaje tuvyige. Ariko hariho ikosha tutazokora nkiryabaye kuri Auganda, kuko ntakuntu barikuba bafise abanwanyi bashika ibihumbi 40 ariko bakibagira kubabafise isandugu yogushiramwo amahera yokugura ikindicuma mugihe icarikihari capfuye. Jewe sinumva ukuntu icuma carigifise abanwanyi bangana gurtyo copfa hagahera imisibiri bataravugako batumyeko ikindi cokugisubiriza! Nimbacarikimaze nkumwaka umwe gitanguye gukora novyemera ntamaherameshi yogura ikindi caribwinjije ariko nambacarikirengeje imyaka ibiri twaridukwiye kwumvako capfuye atariko mumisi itarambiranye kiraba ikindi cashitse cokugisubirira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.