IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inteko za MINUSCA zongewe ikiringo muri Centrafrika

Inteko za MINUSCA zongewe ikiringo muri Centrafrika

mercredi 27 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yameje kuri uwu wa kabiri kwongereza ikiringo c’inteko za ONU za MINUSCA ziri muri Republika ya Centrafrika gushika mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka w’2017.

Iyo ngingo y’ukwongera ikiringo inteko za MINUSCA ifashwe inyuma y’aho igihugu c’Ubufaransa caheruka gutangaza ko kigiye gukura abasirikare baco muri ico gihugu. ONU imenyesha kandi ko ishigikiye Faustin-Archange Touadera aheruka kugenwa mu kwezi kwa gatatu, mu mabanga y’ukurongora izo nteko.

Abasirikare ba ONU bari muri Centrafrika bashika ibihumbi cumi na kimwe, bakaba bajejwe gukingira abanyagihugu, gucungera ivy’agateka ka zina muntu hamwe no gufasha kugira imfashanyo zishikire abanyagihugu.

Inama ya ONU ijejwe umutekano yamenyesheje muri iyo ngingo yayo yo kuri uwu wa kabiri, ko ibijanye n’umutekano biriko biratera imbere ariko ko ico gihugu kikirangwamwo abarwanyi bakibandanga gukora ibitero bibangamira umutekano w’abanyagihugu.


IGIHE

Messages

  • ahubwo nibazeze muri 2025 niho amahoro yoba yabonetse neza bagarukanye amahoro nuburundi tuharonkere akoyoko mugabo ntimwibagire nabaporisi kobgumayo navyonyene bavyige kuko barazigucungera n eza umutekano nkuko babikoze neza muburundi

  • ubona bogeza muri 2025 vyoba vyiza abanyagihugu baho baranyotewe amahoro ahubwo AUNI NIVYIGE BAGUMEYO BOSE NABAPOLICI BBURUNDI BARAVYITWAYEMWONEZA MUBURUNDI MUGUCUNGERA UMUTEKANO NEZA WABANYAGIHUGU NABO BAGUMEYO VYOBAVYIZA KUKO NABO BARAVYIZE BARABIZI

  • claude we ntabwo bishoboka abasirikare na aba police banyu bagomba gutaha rwose byaremejwe kuko byaba bigaragara nabi mushakira umutekano abaturage ba RCA umutekano namwe mukaba ntawo iwanyu mufite biteye isoni rwose mureke RDF ikomeze itange umutekano kuko twe iwacu umutekano ni wose reka dusagurire na abandi ikibabaje nuko mwe iburundi tutazabasaguriraho . yewe abaturage ba RCA nibo babivuga i bikorwa by’ intwaramuheto z’uburundi muri icyo gihugu mwakoze neza ariko ikibazo cyabaye discpline yabaye nke mwirara mu bana ba abakobwa mufata ku ngufu . biragayitse nimutahe mwongere mujye kwiga discpline ni nkeya rwose .

  • About basoda mwifoto nabanyagwanda,idarapo mumodoka riraboneka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.