IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Itahuka rya Abdoulaye Wade rigoye kwemera no gutahura

Itahuka rya Abdoulaye Wade rigoye kwemera no gutahura

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Itahuka rya Abdoulaye Wade mu gihugu ciwe ritegekanijwe kuri uno wa 25 Ndamukiza rirateye impungenge abasanzwe baburanira umuhungu wiwe Karim Wade .

JPEG - 19.8 ko
Karim Wade, umuhungu wa Abdoulaye Wade

Kuva agarutse mu gihugu ca Sénégal mu kwezi wa Gitugutu 2012 , Karim Wade ntiyigeze asubira kubona abakobwa biwe batatu, se wiwe na mushiki wiwe. Impamvu akaba aruko bose bari mu gihugu c’ ubufaransa. Bari bamaze kubonana na nyina wiwe gusa kuko yaramaze kugira urugendo aho yari afungiwe. Ku vyerekeye abakobwa biwe , Karim Wade yaratinya ko batahuka kugutinya umukuru w’igihugu ca Sénégal hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane Aminata Touré.

Umukobwa nawe Abdoulaye Wade , Sindiely Wade mushiki wa Karim Wade akaba atasubiye kuvugira ku maradiyo kuva aho se wiwe atsindiwe mu matora yo mu mwaka wa 2012 . Gushika nubu bikaba bigoye kumenya igituma nawe nyene adatahuka, akongera akaguma mu gacerere kandi musaza we afunzwe. Ariko amakuru amwe amwe akavuga ko atinya gutahuka na wenyene bivanye n’amahera yoba yaranyuruje mw’isabukuru ryitwa Festival Mondial des Arts Nègres ryabaye mu mwaka wa 2010.

JPEG - 38.8 ko
Abdoulaye Wade, uwahoze atwara igihugu ca Sénégal

Mukamenya ko bitegekanijwe ko Abdoulaye Wade atahuka ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Ndamukiza ,akaba yagumye atangaza incuro nyinshi ko agiye gutahuka ariko ntatahe. Mugabo ubu abatari bake bizera ko bizoteba bishika ku munsi w’ejo.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.