Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma asaba kwubahiriza iragi rya Madiba
Jacob Zuma asaba kwubahiriza iragi rya Madiba
dimanche 15 Kigarama 2013
Umukuru w’igihugu c’Afrika y’Epfo Jacob Zuma mw’ijambo ryiwe yasavye kwubahiriza iragi rya Nelson Mandela, kugira ntibamutetereze. Ivyo yabishikirije mu gihe bari mu birori vyo gufubana iteka uwo muhisi.

"Urugendo rwawe rurerure rujana ku mwidegemvyo mu buryo bw’umubiri rusa n’uruheze.Ariko urugendo rwacu rurabandanya, dutegerezwa kubandanya kwubaka igihugu wakoreye. Dutegerezwa kubandanya iragi wadusigiye", ivyo bikaba vyavuzwe n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma .
"Afrika y’Epfo izobandanya ikura, kuko tudakwiriye kuguhemukira ku vyo waturaze. ‘Turakwemereye uno munsi kubandanya guteza imbere ukwihanganirana hamwe n’igihugu kirimwo ubwoko bwose, hamwe no kwubaka Afrika y’Epfo ya bose
", nayo akaba ari amajambo ya Jacob Zuma.
Nelson Mandela yatanguye kuba rurangiranwa kubera yiyamirije ubutegetsi bw’abazungu bwashaka gucinyiza abirabure mu myaka y’1980 imbere nuko arekurwa. Nelson Mandela yarashoboye kandi kurinda indwano y’abanyagihugu ifatiye ku rukoba. Yarashoboye kunywanisha abanyagihugu akaba yashize imbere guharirana. Akaba ariwe yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure avuye mu matora ya mbere ahuriyemwo bose yo mu mwaka wa 1994.
KARIRE Floxella
Messages
17 Kigarama 2013, 09:32, par nkurunziza arcade
je vous salue chers rédacteurs.juste pour vous dire que vous redigez bien vos articles.Mais ikirundi ndazi kiragoye, uko kigoye gusoma niko usanga no kucandika umuntu usanga hari udukosa dutoya aca asanga yashizemwo.il faudrait donc essayer de minimiser voire eviter à 100% ces petites erreurs surtout utuntu twinyitangizo n utundi tundi.....Murakoze