Jean Pierre Bemba akurikiranwako ivyaha vyo mu ntambara

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 mars 2016 saa 08:56
Yasomwe : 9396
0 0

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yemeje ivyaha vyagirizwa Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yagiriwe n’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyakorewe mu gihugu ca Centrafrique.
Jean Pierre Bemba yagirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko abarwanyi bo muri MLC yari arongoye bakoze ivyaha bikomeye vy’ubwicanyi, ugufata ku nguvu abagore hamwe n’ubusuma, hagati y’umwaka w’2002 (...)

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yemeje ivyaha vyagirizwa Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yagiriwe n’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyakorewe mu gihugu ca Centrafrique.

Jean Pierre Bemba yagirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko abarwanyi bo muri MLC yari arongoye bakoze ivyaha bikomeye vy’ubwicanyi, ugufata ku nguvu abagore hamwe n’ubusuma, hagati y’umwaka w’2002 hamwe n’2003 mu gihugu ca Centrafrique, mu gihe bari mu bikorwa vy’ugufasha Ange Felix Patasse yatwara ico gihugu. Jean Pierre Bemba yagirizwa ko yari azi ko ivyo vyaha bikorwa, ariko akaba ataco yakoze kugira abihagarike.

JPEG - 36.7 ko
Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yahungiye mu Bubirigi mu mwaka w’2007, inyuma y’ingwano yabereye i Kinshasa, ariko mu 2008 akaba yaciye atabwa muri yompi afatiwe mu gisagara ca Bruxelles. Jean Pierre Bemba yaciye ashikirizwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha