Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Joseph KABILA yatumyeko ibiganiro vya poritike
Yanditswe taliki ya 29-11-2015 - isaha 13:06' na IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Joseph Kabila yamenyesheje ko hagiye gutangura ibiganiro vya poritike bizohuza impande zose zitavuga rumwe, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yimirije.

Ariko rero mw’itangazo Joseph KABILA yasohoye kuri uwu wa 28 Munyonyo 2015, ntiyigeze amenyesha aho ivyo biganiro bizobera, hamwe n’igenekerezo bizoberako.

JPEG - 156.8 ko
Joseph Kabila, Umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Muri iryo tangazo, Joseph KABILA yagize ati : « Inyuma yo kwakira ivyiyumviro mwampaye hamwe n’ivyo mwacishije ku babaserukira, nashizeho umunsi w’ibiganiro vya poritike bizohuza impande zose. »

Ivyo biganiro bikaba bizohagarara ku bijanye no gutegura amatora, biyobowe n’abahuza bavuye hanze y’igihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

Shaka indi mandant kabila kuko iki sicyo gihe cya debate kuri politique yihihugu manda irashize none ngo debate ya mashaka reka kujijisha urasjaka manda ya gatatu ariko iravuna katumbi moise ntabwo uzamucya murihumye. Reka turebe.

30.11.2015 à 21:29
aca

Ingorane Si Ibiganiro.Ingorane Ni Ukutubahiriza Constitution No Kwigungirako Ubutegetsi

30.11.2015 à 07:18
Gakero

KABIRA

30.11.2015 à 07:08
KABIRA

ni vyiza.mugabo rero mwe ba journaliste biki kinyamakuru igihe raba mukosore kuko turacari muri munyonyo ukwezi kwa kigarama ntikuratangura.

29.11.2015 à 14:24
jika

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.