Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abanyakenya barindiranye igishika ivyavuye mumatora
Kenya : Abanyakenya barindiranye igishika ivyavuye mumatora
mardi 5 Ntwarante 2013
Kuri uyu wa kabiri niho harindiriwe ivyavuye mu matora yabaye ku wa mbere. Abanyakenya bari bayitavye ari benshi mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abandi barongozi bo mu gihugu.
Kw’isaha ya 11, aho hari hategekanijwe ko utuzu tw’amatora twugara, hari hamaze kuza gutora abantu bagera ku bice 70 kwi 100. Ariko hamwe hamwe bararengejeko amasaha gato kugira abari bagitonze gutora baheze gushira udukarata twabo mudusandugu tw’amatora.
Atari hamwe hamwe hagiye haribonekeza utugorane tumwe tumwe, muri rusangi ngo amatora yagenze neza kuko yari anahagarikiwe n’abajejwe umutekano benshi kugutinya ko hohava hasubira kuba imigumuko nk’iyabaye mu w’2007.

- Albert Kenyata
Mariella Bukuru



Messages
29 Ruheshi 2015, 18:38, par NI GILBERT
NONE NKUWAROSAMAJWI YARABIVUYEMWO BIZOCABIGENDAGUTE?