IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baciriye mw’ijambo umukuru (...)

Kenya : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baciriye mw’ijambo umukuru w’igihugu

vendredi 1er Ndamukiza 2016, par egide

Abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya bavugirije induru umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, mu gihe yariko ashikiriza ijambo abwira abanyagihugu uko igihugu cifashe muri kino gihe.

Abo bashingamateka batanguye kuvugiriza urwamo umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, mu gihe yari agitangura kuvuga.
Imbere bagira iyo nyifato, bari bagabishije ko bazocira mw’ijambo umukuru w’igihugu, kugira biyamirize ukuntu Reta ya kenya yananiwe kurwanya igiturire cabaye ndanse muri ico gihugu.

Ibiro vy’inama nshingamateka ya Kenya muri ako kanya vyaciye bifata ingingo y’ugusohora ku nguvu abashingamateka indwi muri abo bariko bacira mw’ijambo umukuru w’igihugu, ariko iryo jambo rikaba ryacerewe iminota 30 yose.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko iryo jambo umukuru w’igihugu ashikiriza uko umwaka utashe rikomeye cane, kuko ariho Reta imenyesha imigambi ifitiye abanyagihugu.
Mu gihe mu gihugu ca Kenya havugwa igiturire gikomeye, muri iryo jambo yashikirije, umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yiyemeje kurwanya ico giturire yivuye inyuma, yemerera abanyagihugu ko ubutunzi bwa Kenya bugiye kwiyongerako ibice bitandatu kw’ijana muri uwu mwaka w’2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.