IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : William Ruto yambitswe izera

Kenya : William Ruto yambitswe izera

mardi 5 Ndamukiza 2016, par egide

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yambitse izera William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya, ku vyaha yahora yagirizwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

N’umumenyeshamakuru Joshua Sang nawe yahora yagirizwa ivyaha bimwe na William Ruto yambitswe izera n’iyo sentare, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 121.8 ko
William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya

Icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya, William Ruto, yahora yagirizwa ivyaha vyo kwica, kwimura abantu ku nguvu, ukubahohotera, vyose akaba ari ivyaha yagirizwa ko yakoze inyuma y’amatora yabaye muri Kenya mu mwaka w’2007, mu ntureka zahitanye abantu bagera ku gihumbi n’amajana abiri.

William Ruto yabandanije guhakana ivyaha yagirizwa, abamufasha kuburana nabo bakaba batahengeshanije gusaba ko yokurwako ibirego kuko bavuga ko bidafise ishingiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.