IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Uhuru Kenyatta asabwa kurenguka imbere ya sentare mpuzamakungu (...)

Kenya : Uhuru Kenyatta asabwa kurenguka imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha

jeudi 2 Gitugutu 2014

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha basavye umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, kurenguka i La Haye, kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu 2014. Yagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, inyuma y’imishamirano yabaye amatora aheze mu mwaka w’2007 n’2008, abantu batari bake bakahasiga ubuzima.

Haraciye imisi abashigwamanza biwe basavye ko iryo genekerezo yasabiweko ko yorenguka ryokwunguruzwa, bishoboka akitaba abicishije ku mboneshakure (vidéo-conférence). Imvo nyamukuru yo gusaba iyunguruzwa ni inama yerekeye akarere azoba arimwo, ikaba izobera i Kampala, mu gihugu ca Ouganda.

JPEG - 105.4 ko
Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda, hamwe n’abakorewe amabi baravyiyamirije, bakipfuza ko yorenguka ubwiwe. Hasigaye kumenya ko umukuru w’igihugu ca Kenya azojayo canke atazojayo, ariko bikavugwa ko ukutitaba gushobora kumukwegera umutahe umuhagarika.


Nadege Irakoze

Messages

  • Aba perezida bica abantu nukubashikiriza ubutungane bishure ku mabi bakorera abo baba bajejwe gukingira.na prezida wu burundi akwiye gusigura ingene abantu batawe muruzi ruvubu,abo mu gatumba,na birya biziga birenga 40 vyatowe birerembamu mazi muri muyinga mu buraruko bwuburundi,nayandimabi yakoreye abanyagihugu.

  • uragahoraho wa tribunal ya la haye ubanze utubarize ivyo binywa maraso vyaba nya afrika bitwara abantu bibacuritse bibaza ko ubu ari kera ibintu vyarahindutse bitebe bitebuke inkozi zikibi zibazwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.