Kinshasa : Koffi Olomide yahawe igihano c’umunyororo w’amezi 3

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 Mukakaro 2016 saa 05:59
Yasomwe : 24687
0 0

Sentare y’i Kinshasa yasomye kuri uwu wa kabiri urubanza rwaciriwe umuririmvyi rurangiranwa Koffi Olomide yatawe muri yompi mu gihe yari muhira iwe mu gisagara ca Kinshasa. Uwo muririmvyi yahanishijwe umunyororo w’amezi atatu.
Uwo muririmvyi rurangiranwa wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Koffi Olomide, yaheruka kwirukanwa muri Kenya, inyuma yo gupfungwa ijoro rimwe
Nk’uko bitangwazwa nk’ikinyamakuru co kuri internet co muri Kenya, Standard Digital, Koffi yasubijwe iwabo muri (...)

Sentare y’i Kinshasa yasomye kuri uwu wa kabiri urubanza rwaciriwe umuririmvyi rurangiranwa Koffi Olomide yatawe muri yompi mu gihe yari muhira iwe mu gisagara ca Kinshasa. Uwo muririmvyi yahanishijwe umunyororo w’amezi atatu.

Uwo muririmvyi rurangiranwa wo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Koffi Olomide, yaheruka kwirukanwa muri Kenya, inyuma yo gupfungwa ijoro rimwe

Nk’uko bitangwazwa nk’ikinyamakuru co kuri internet co muri Kenya, Standard Digital, Koffi yasubijwe iwabo muri Kongo ajanywe n’indege ya Kenya Airways, yahagurutse ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta hafi isaha zitandatu z’umurango, i Nairobi.

Koffi yafashwe yagirizwa gukubita umugere umwe mu batamvyi biwe, bifatwa kuri video yakwiragijwe kuri internet. Intango ya vyose, nk’uko tubikesha BBC, bivugwa ko uwo mutamvyi yakuswe umugere na Koffi yabanje yashwanye na Cindy le Coeur, umuririmvyi ashika ku mutima cane Koffi Olomide, akaba ari umwe mu bagize umurwi umufasha mu biteramo.

Ubwo nyene, Koffi yaciye aheba ikiganiro yariko araha abanyamakuru, aza n’ishavu ryinshi ashika atera umugere uwo mutamvyi, imbere y’abaporisi n’izindi ngenzi.

Si ubwa mbere uwo muririmvyi yagirizwa guhohotera umuntu, akaba yarigeze gushirwa imbere y’ubutungane muri Kongo yagirizwa gukubita uwumutegurira ibiteramo.

Iyo video niyo yatumye igiporisi ca Kenya kimufata, arazwa mw’ibohero ryo ku kibuga c’indege ijoro rimwe.

Iyo video igisohoka, Koffi yaciye aja ku mbuga nkoranyambaga asigura ko ahubwo yariko aratabara abatamvyi biwe bari bahohotewe, agasigura ko atashaka kugira uwo akubita.

Ivyo ariko ntivyanyuze Abanyekenya, babandanije bamwiyamiriza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abajewe ubutungane muri ico gihugu baciye bafata ingingo yo kumwaka urusha rwo kwinjira muri Kenya, aca asubiza iwabo muri Kongo kubera icaha co guhohotera umuntu.

Koffi Olomide yarasavye imbabazi kuri iyo nyifato, akaba ku rubuga rwiwe rwa Facebook, ku munsi w’Imana, yarasavye imbabazi abakunzi biwe, cane cane "abapfasoni n’abana", abasaba kumubabarira.

Yagize ati : "Ndicuza cane ku vyashitse...nari nataye umutwe,"


Kumenyekanisha

1
Nzeyimana Ruco 29-07-2016 à 09:24

Ntakibazo Ariko Bara Muma Ramaje Naminote Wapi Ariko Kabiri Karazigwa

2
Saïdi Anicet 27-07-2016 à 12:44

Iyakamanye Ntigata.Ni Ubwibone Afise Nagasuzuguro.Gusaba Imbabazi Nivyiza.Nagumeyo Hama Avuyeyo Ntazosubire.Nubwo Naho Nikigongwe Kurayo Mezi.

3
Morodikayi Jon 27-07-2016 à 01:07

Nahamwe bimukwiye vyukuri, kuko mumategeko mpuzamakungu birabujijwe gukubita umukenyezi nubwo yo ba arirwawe, kubabamuhaye amasaha kuva kubutaka Bwakenya bakoze neza, ndibaza azohava yi hanura ntazosubire.

4
Muyahudi 26-07-2016 à 20:49

Ew Coffi Niwemerakabi Urakuz Iryoshavu Wagiz Ryatumy Ukubita Uwomugor Ryagukwegey Ngo Ntacogerageza Umwanawumuntu Atoshobora Kwihanganira Nuhanw Kuko Waravyonz

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha