IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kizza Besigye yarekuwe

Kizza Besigye yarekuwe

mardi 12 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Kizza Besigye, umukuru w’umwe mu migambwe ikomeye itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni yemerewe kuburana yidegemvya, inyuma y’amazi abiri yari amaze apfunzwe yagirizwa guhemukira igihugu.

Ico caha yagirizwa kikaba gifitaniye isano n’igikorwa bivugwa ko yakoze co kwirahiza nk’umukuru w’igihugu, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka w’2016.

Umucamanza yategetse ko Besigye atanga amafaranga y’ingwati angana n’amadorare ibihumbi mirongo itatu.

Uwo mucamanza yavuze kandi ko Kizza Besigye ategerezwa guhagarika ibikorwa vy’umugambwe wiwe birimwo imyiyerekano hamwe n’amasengesho abera mu ngoro y’umugambwe wiwe ku rwego rw’igihugu, agatunganywa ku ndwi ku ndwi.

Inyuma y’’ukurekurwa kuri uwu kabairi, Kizza Basigye yamenyesheje ko anezerejwe n’ukubona yidegemvya.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.