Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Aho apfungiwe yankwa urunuka inyuma y’uguhohotera umwana w’imyaka (...)
Uganda : Aho apfungiwe yankwa urunuka inyuma y’uguhohotera umwana w’imyaka 2
lundi 1er Kigarama 2014
Nyuma yo gukubita bunyamaswa, umwana w’imyaka ibiri yarashinzwe kurera, Jolly Tumuhirwe yasavye imbabazi isi yose anavuga icabimuteye, ariko rero ntiyorohewe ahari mw’ibohero i Luzira mu gihugu c’Ubuganda kuko abafungwa bagenzi we bamwanka urunuka kuko amasanamu y’urya mwana ariko akubitwa bunyamaswa yabashikiriye nabo.
Inyuma y’aho mu minsi iheze isi yose yababajwe n’inkuru yagiye ihanahanwa ku rubuga ngurukanabumenyi, y’umwana w’imyaka ibiri akubitwa bunyamaswa n’umwigeme yari ashinzwe kumurera, uwo mwigeme yavuze icamutumye akora ako kabi kabishe yongera asaba imbabazi isi nzima.
Uwo mwigeme ahari mw’ibohero avuga ko yabikoze kuko yarabuze ukwo agira, mu gihe se yari arwaye aremvye cane, nyina wiwe akaba atari afise amafaranga yo kumuvuza. Aha Jolly Tumuhirwe yagize ati : « Nyuma y’uko papa wanje ari i Kabale aremvye cane ndetse na mama akaba ata mafaranga yo kumuvuza yari afise, narasavye abankoresha amafaranga barayanyima bambwira ko ukwezi kutarahera.Ego vyari vyo ariko papa yari ari gupfa . Vyabandanije kumbabaza cane ndetse binguma no mu mutwe n’ubwo bitari ngombwa ko inzigo ndayiterera ku mwana muto atagira igicumuro.’’

Jolly yabandanije avuga ko mu bindi vyamuteye gukora biriya harimwo ko nyina w’uriya mwana yakunda cane kumutuka mbere akamwagiriza amakosa menshi atakoze. Yagize ati : « Uriya mugore(nyina w’umwana) nawe ntiyoroshe.Yakunda kumbeshera ngo niba amafaranga mu mpuzu ya Kamanzi, ngo indya imfungurwa z’umwana n’ibindi.Ivyo rero navyo vyarambabaza cane mu mutima ».

Mu gihe yabazwa nimba ata bwoba canke impuhwe yarafitiye karya kana, Jolly Tumuhirwe yagize ati : « Mu gihe nakora biriya numva ko ndiko ndakosora uriya mwana kuko na nyina yakunda kumukubita. Iriya toroshi namukubitisha ntiremereye.Gusa sinzongera ». Uyu mukobwa yarangije avuga ko kubera uburyo ivyo yakoze vyababaje abantu benshi, n’abo bafunganye Mw’ibohero bose baramwanse ku buryo nabo baba bashaka kumukubita, ni mu gihe amashusho y’urya mwana nabo yabashikiriye aho mw’ibohero.
Floxella Karire
Messages
1er Kigarama 2014, 16:04, par jojo
j numva ko yohabga imbabazi yasavy kuko urumva ko yigay agaca bugufi.kandi nabamukoresha urumva ko bafis amakosa menshi .kumubonera kwinsh kumufata nabi.
1er Kigarama 2014, 17:34, par Bikorimana J Bosco:zaïros
Nanje Numvayo Babarirwa.Koyeme Gucabugufu Nababarirwe
1er Kigarama 2014, 20:00, par MODESTE
Oya irya sanamu irababaje caane,haracari vyinshi vyo gukora,birya birahari gusa,irya sanamu yodufasha mukuja kwigisha abasanzwe bakora ubuzi bwo kurera abana bikebuke,Ariko nifuza kumenya uwonyadikira ko uriya mwana ko akiriho?
1er Kigarama 2014, 20:00, par MODESTE
Oya irya sanamu irababaje caane,haracari vyinshi vyo gukora,birya birahari gusa,irya sanamu yodufasha mukuja kwigisha abasanzwe bakora ubuzi bwo kurera abana bikebuke,Ariko nifuza kumenya uwonyadikira ko uriya mwana ko akiriho?
1er Kigarama 2014, 21:37, par cheviva
Umwana aracahari gusa ubu ariko arasuxumwa barabe ko ataco yabay!
1er Kigarama 2014, 21:37, par cheviva
Umwana aracahari gusa ubu ariko arasuxumwa barabe ko ataco yabay!
2 Kigarama 2014, 06:34, par nyamibara
naw yabay umu star
2 Kigarama 2014, 11:07, par NIMUBONA Alexis
Birababaje cane gukubita umwana ataco azi nk’uwo.Hama ABAKORESHA barakwiye kuza baraganira n’ABAKOZI kugira ngo ingorane canke ibibazo ntibize birigirwa inyishu ari uko amazi yamaze kurenga inkombe.
Kuko ikigongwe gica ku gihano,bomuha igihano gito na cane cane ko na we nyene yabonye ko yakoze amakosa agatako akayemanga kandi akanabisabira ikigongwe.
3 Kigarama 2014, 09:48, par MBIMBI
Basha ivyo vyabaye birababaje kweli! Karya kamalayika kahowe ubusa! Ariko rero nkomeje kumviriza uyumukobwa nawe ntibamwegeko vyose bagende basubire bagire amatohoza yicatumye akora ivyo na Nyinabuja ndumva yobazwa!! Ikindi naco iyo mushikacu baze bamugume iruhande kuko ashobora kwiyahura umwanya wose kubera Pressure z’inkuru zivugwa kw’isi yose!!