Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kw’isabukuru y’imyaka 91 ya Mugabe, inzovu, intambwe n’imbogo zizoribwa
Kw’isabukuru y’imyaka 91 ya Mugabe, inzovu, intambwe n’imbogo zizoribwa
mardi 17 Ruhuhuma 2015, par
Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe mu guhimbaza isabukuru y’imyaka 91 amaze avutse ategekanya ibirori vy’imbonekarimwe, akaba yatumiye abantu bashika 20.000 kuza guhimbazanya nawe kuri uno wa 28 Ruhuhuma 2015.

- Robert Mugabe umukuru wa Zimbabwe
Muri ivyo birori bakaba bategekanya kuzobaga inzovu zibiri, imbogo zibiri, intambwe imwe hamwe n’udukoko dutanu turi mu bwoko bw’ingeregere. Amafaranga angana 105.000 y’amanyaburaya, nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru c’abongereza "The Guardian". Ivyo bikoko bizobagwa bikaba vyiyongera ku zindi nzovu 27 zizova mu gihugu c’Ubushinwa. Abari mw’itegurwa ry’iryo sabukuru rya Robert Mugabe bavuga ko muri kino gihe bariko barakora uko bishoboka kugira bavugane n’abasanzwe bajejwe amashamba kugira ivyo bikoko bizobe vyishwe imbere y’uko isabukuru rishika. Babandanya bavuga ko bariko bavugana n’ihoteri izobika izo nyama z’ivyo bikoko.
Ariko rero abasanzwe bakingira ibidukikije ntibanezerejwe n’iyo nyifato ndetse n’abanyagihugu basanzwe baba mu turere turimwo ivyo bikoko ntibabishimye, kuko bagiriza umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ko akoresha ico ashaka amatunga kama y’abanyagihugu, ariko ntihagire n’urufaranga rumwe ariha.
Si irya rero Robert Mugabe, asanzwe arongoye ico gihugu kuva mu mwaka w’1980, atunganya ibirori nk’ivyo kw’isabukuru y’amavuka yiwe, mu gihugu aho igice kinini c’abanyagihugu babayeho ku munsi ku munsi ku mafaranga ari munsi y’amadorari abiri. Mu mwaka uheze igihe yahimbaza imyaka 90 avutse, naho nyene ibirori bikaba vyari igitangaza, mbere bikavugwa ko vyoba vyamutwaye amafaranga agera ku miriyoni 40 z’amadorari ahatikirira. Ikindi mwomenya n’uko iyo sabukuru itazoba ari iya nyuma ahimbaje ari umukuru w’igihugu, kuko yamaze kugabisha ko azova ku butegetsi afise imyaka ijana. Ibwirizwa shingiro naryo ry’igihugu arongoye rikaba rimurekurira gutwara gushika ku myaka 99.
Floxella Karire
Messages
17 Ruhuhuma 2015, 14:37, par ndiko jonas
kizoba caravuye ico kinyamaswa ugira iminsi gisigaje nimyinshi reka abirye arazi ko mukuzimu ataco ajana, reka inyo zizoronke ico zirya .
18 Ruhuhuma 2015, 15:48, par Tubirabe
We jonas reka kuvuganabi uyo mutama kubwanje ndamwita king of africa reka awuhimbaze iyaba vyakunda yarigutumira aba president bose bo muri africa akabumvisha ko igihugu ciwe cikukiye atavyo gutinya abazungu.
19 Ruhuhuma 2015, 16:13, par prutov
Mubisanzw’ inda ndende yiwe niy’izo muhitana!!!!! Abameze nkawe nibo bishy’ Africa yacu ntabandi