IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Leta ya Nigeriya yahagurukiye umurwi wa Boko Haram

Leta ya Nigeriya yahagurukiye umurwi wa Boko Haram

vendredi 17 Rusama 2013

Igitero ca mbere c’abasirikare ba Nigeriya mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu carabaye, mu ntumbero yokugarura uburere bw’igihugu busanzwe bwarifatiwe n’aba islamu ba Boko Haram, igisirikare rero gikoresha indege mu ntumbero yo gutuza abo barwanyi.

Igenekerezo rya 16 Rusama 2013, igisirikare caragize igitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya ku barwanyi baba islamu ba Boko Haram, igisirikare camenyesheje ko indege zakoreshejwe mu ntumbero yokubatuza.

Igisirikare ca Nigeriya cose cari mur’icogitero ni ndege zarakoreshejwe. vyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Nigeriya Chris Olukolade, aho avuga ko bazokoresha indege mu gihe cose bizoba bikenewe.

Abasirikare benshi n’indege z’ingwano vyarateguwe muma leta ya Borno,Yobe na Adamawa. Umukuru w’igihugu ca Nigeriya Goodluck Jonathan yamenyesheje kur’uyu wa kabiri ko icihutirwa muri ayo ma leta atatu ari mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu yasinzikajwe n’imirwano iterwa n’abo barwanyi ko ingingo ntabanduka zari zikenewe gufatwa mu kurwanya ubwo bubisha buguma bwiyongera.

Ku bitero vy’ubwicanyi vyabaye, umukuru w’abarwanyi yarungitse kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Rusama, amasanamu, ayarungikira AFP yerekana abarwanyi babiri bishwe muri leta ya Borno igenekerezo rya 16 Ndamukiza uyu mwaka, bakurikiwe n’igitero cakozwe n’abasirikare cahitanye abagera kw’ijana na mirongo umunani n’indwi hamwe n’ikindi cagizwe igenekerezo ry 7 Rusama, gihitana abagera ku mirongo itanu na batanu.

Goodluck Jonathan yari yavuze ivy’ico gitero inyuma y’ukwumva ko Boko Haram yifatiye uduce tumwe tumwe two muri leta ya Borno.


Ndayikeza Prosper

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.