Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya: Haturikiye ikibombe imbere y’ubuserukizi bwa Maroc
Libiya: Haturikiye ikibombe imbere y’ubuserukizi bwa Maroc
lundi 13 Ndamukiza 2015
Ikibombe caturikiye mu muryango winjira mu buserukizi bw’igihugu ca Maroc i Tripoli muri Libiya, ariko akaba Atanumwe yahasize ubuzima nk’uko vyemezwa n’inzego z’umutekano muri ico gihugu.

Muri ico gitero, imwe mu miduga yononekaye cane, uwateze ico kibombe, akaba yagishize mu gasaho, hafi y’ubwo buserukizi bw’igihugu ca Maroc, busanzwe buri muri quartier bita Ben Achour. Amazu yegereye ubwo buserukizi, akaba yanyigimvye akanya kangana n’amasegonda, inyuma yaho ico kibombe giturikiye. Ku muhora wa Twitter, abari mu murwi w’intagondwa z’abajihadistes, baremeza ko aribo bagize ico gitero, aho iruhande y’ubwo buserukizi. Ico kibombe rero kikaba caturitse, inyuma y’amasaha make, habaye igitero c’abantu bitwaje inkoho, ku buserukizi bw’igihugu ca Koreya y’Epfo.
Twobamenyesha ko igihugu ca Maroc kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante, catanguye kwakira abarongoye abandi mu nama nshingamateka, batabona kumwe ivya poritike muri Libiya, bafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Aristide Nizigire