Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libiya : Uwuserukira Jordanie yanyurujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Uwuserukira Jordanie yanyurujwe

Libiya : Uwuserukira Jordanie yanyurujwe

mardi 15 Ndamukiza 2014

Fawaz Al-Itan asarukira igihugu ca Jordanie mu gihugu ca Libiya, n’ubu ntawuzi irengero ryiwe kuva aho anyururijwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, babanje gukomeretsa umudereva wiwe.

Inyuruzwa rya Fawaz Al-Itan rero rikaba ryemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ko yanyurujwe n’akarwi k’abantu bari bitwaje ibirwanisho, aho ndetse babanje kurasa, baranakomeresta umudereva nk’uko Saïd Lassoued umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abandanya abimenyesha.

Igihugu ca Jordamie rero kikaba kiriko kirakurikiranira hagufi iryo nyuruzwa ry’uwugiserukira aho i Tripoli muri Libiya. Mukamenya ko ivyo vy’ukurerura abaserukira ibihugu vyabo aho muri Libiya atari irya mbere biba. Abakora mu buserukizi bw’igihugu ca Egypte batanu, bakaba baranyurujwe mu kwezi kwa Nzero, baramara iminsi ibiri yose atawuzi irengero ryabo, batwawe n’akarwi k’abantu bitwaje inkoho i Tripoli, mu kwezi kwa Ntwarante naho, uwukora mu buserukizi wa Tunisie nawe yaranyurujwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.