Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Uwuserukira Jordanie yanyurujwe
Libiya : Uwuserukira Jordanie yanyurujwe
mardi 15 Ndamukiza 2014
Fawaz Al-Itan asarukira igihugu ca Jordanie mu gihugu ca Libiya, n’ubu ntawuzi irengero ryiwe kuva aho anyururijwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, babanje gukomeretsa umudereva wiwe.
Inyuruzwa rya Fawaz Al-Itan rero rikaba ryemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ko yanyurujwe n’akarwi k’abantu bari bitwaje ibirwanisho, aho ndetse babanje kurasa, baranakomeresta umudereva nk’uko Saïd Lassoued umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abandanya abimenyesha.
Igihugu ca Jordamie rero kikaba kiriko kirakurikiranira hagufi iryo nyuruzwa ry’uwugiserukira aho i Tripoli muri Libiya. Mukamenya ko ivyo vy’ukurerura abaserukira ibihugu vyabo aho muri Libiya atari irya mbere biba. Abakora mu buserukizi bw’igihugu ca Egypte batanu, bakaba baranyurujwe mu kwezi kwa Nzero, baramara iminsi ibiri yose atawuzi irengero ryabo, batwawe n’akarwi k’abantu bitwaje inkoho i Tripoli, mu kwezi kwa Ntwarante naho, uwukora mu buserukizi wa Tunisie nawe yaranyurujwe.
Aristide Nizigire
Messages
16 Ndamukiza 2014, 09:28, par NIVYUKURI
Ndibazako bihenze ataruwuserukira uburundi yobivuga naho bibabaje kunyuruza ikiremwa muntu.