Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Libya : Abantu 18 bahitanwe n’igitero c’ubwiyahuzi
Yanditswe taliki ya 4-08-2016 - isaha 09:19' na IGIHE

Umwiyahuzi yakoze igitero mu karere ka Al-Guwarsha mu burasirazuba bw’igisagara ca Benghazi muri Libya, gihitana abagera kuri 18, abandi 12 barakomereka.

Igisasu catezwe mu modoka, kikaba caturitse mu gisagara ca Benghazi, ahakunze kwibonekeza intureka hagati y’imitwe igendera ku mategeko y’idini rya islam ndetse n’ingabo za Reta zirwanira mu Burasirazuba bwa Libya.

Umwe mu bajejwe umutekano mu gisagara ca Benghazi yamenyesheje ko ico gisasu catewe hafi y’ibiro bikuru vya Brigade y’146, ahakorera ingabo zikunze kurwanya imitwe y’iterabwoba ishimikiye kuri Islam muri ico gisagara.

Umwe mu babonye iterwa ry’ico gisasu yavuze ko cari gifise inguvu nyinshi, ndetse ko casenyuye bikomeye inyubako y’amagorofa atatu, conona bikomeye imodoka icumi.

Abasirikare bane bakuru b’intwazangabo bari aho nibo bamaze kumenyekana mu bahasize ubuzima.

Ivyiyumviro vyanyu

AHOBICIYE NIBAREKE IMANANIYO IMENYA IHEREZO RYUMUNTU

4.08.2016 à 15:04
ZIGUYE

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.