Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Lionel Messi mu gihugu ca Senegal
Lionel Messi mu gihugu ca Senegal
jeudi 27 Ruheshi 2013
Kuva ku munsi w’ejo, Lionel Messi umukinyi rurangiranwa wo muri FC Barcelona ari mu gihugu ca Senegal mu bikorwa vyo gutanga imfashanyo y’imisegetera vyatangujwe icese kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi 2013.
Muri urwo rugendo rwari rwitezwe n’abantu benshi cane harimwo abakunzi b’umupira w’amaguru, Lionnel Messi azokwiragiza imisegetera irimwo imiti yica imibu ku miryango n’abana barwaye indwara ya Malariya.

Mu gihe mu matohoza yakozwe basanze Malariya ari indwara ibangamiye cane abanyagihugu cane cane abana bafise imyaka iri musi y’itanu n’abakenyezi bibungenze bo muri Afrika aho ku munota ku munota ihitana abana babiri, Lionel Messi ari mu gihugu ca Senegal mu mugambi w’ishirahamwe ryo muri Qatar « Football Combating Malaria » , akaba ategekenya kandi gutanga imisegetera ku banyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bo mu bihugu vya Kenya, Uganda, Côte d’Ivoire, na Guinée.
Mu gihugu ca Senegal, imiryango irenga amajana atatu yo muri Mbour na Saly Portudal ikaba ariyo izohabwa iyo misegetera nk’urukingo rw’indwara ya malariya.

Prosper Ndayikeza