IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Lusaka : Abantu babiri bahitanwe n’intureka zishingiye ku rwanko (...)

Lusaka : Abantu babiri bahitanwe n’intureka zishingiye ku rwanko rw’abanyamahanga

jeudi 21 Ndamukiza 2016, par egide

Igiporisi ca Zambia kimenyesha ko hari abantu 2 bishwe baturiwe mu ntureka zishingiye ku rwango rw’abanyamahanga zimaze iminsi mu gisagara Lusaka.

Abantu barenga 250 nibo bamaze gufatwa inyuma y’isahurwa ryakozwe mu maduka y’abanyarwanda arenga 60 yasahuwe.
Ivyo bitero vyakozwe ku banyarwanda kubera bagirizwa kwica abantu, hanyuma bagakoresha ibihimba vy’imibiri yabo mu migenzo y’uburozi, ariko mu giporisi bakavuga ko ivyo vyagirizwa abanyarwanda baba muri Zambia ari ibihuha.

Umuvugizi w’igiporisi ca Zambia, Charity Munganga, mw’itangazo yasohoye, yamenyeshe ko iyo bihuha ari ibitangazwa n’abantu bafise umugambi w’ubugizi bwa nabi kandi bagashaka kuzana ubwoba mu banyagihugu, kugira basigure ubugizi bwa nabi bariko barakora.

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante, BBC ivuga ko abantu 6 aribo bishwe, bavanwamwo ibihimba vy’umubiri, hakaba amakuru avugwa, ariko atemezwa n’igiporisi, ko ivyo bihimba bikoreshwa mu migirwa y’uburozi, kugira abadandaza bunguke.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.