Accueil > Amakuru > Muri Afrika > M23 iragirizwa n’ishirahamwe ONU kuba intambanyi y’amaserezano (...)
M23 iragirizwa n’ishirahamwe ONU kuba intambanyi y’amaserezano y’amahoro
mardi 22 Gitugutu 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha umuhari M23, mu Buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ku vyo wagirizwa wakoze mu kuba intambanyi y’amasezerano y’amaharo, mu nama yari yabereye i Kampala mu gihugu c’Ubuganda.
Abaserukira ishirahamwe ONU mu gace k’Ubuseruko ka Kongo, barasavye inama nkuru y’umutekano kw’isi, kwongerereza abasirikare kugira baje gufasha kugarukana mu gisagara ca Goma. Mu nama y’umwiherero y’abagize inama nkuru y’umutekano kw’isi, abaserukira ishirahamwe ONU mu Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo no mu biyaga bigali bose baragirije umuhari M23 kuba warabaye intambamyi y’amasererano yo gusubiza hamwe mu nama yabereye i Kampala.
Uwurongoye inteko za ONU Monusco, Martin Kobler be n’intumwa idasanzwe yo muri ONU ku biyaga bigari, Mary Robinson baremeje ko umuhari M23 utagaraje ko witegye gusubiza hamwe na Kinshassa, mbere utako uranatevya ibiganiro vy’amasezerano. I Goma, inteko za ONU, Monusco zikaba ziteze ubu ko indwano ishobora gusubira kuhaba. Monusco ikaba ifise kandi amakenga k’ukungene igisirikare ca FDLR (Forces démocratiques du Libération du Rwanda) kiriko cegera imbere.

Bank Ki –Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU akaba yahamagariye umukuru w’igihugu c’Urwanda , Paul kagame hamwe na mugenzi we wo mu gihugu c’Ubuganda,Yoweri Kaguta Museveni abasaba ko M23 wemere amasezerano. Eka mbere na John kerry, umunyamabanga mukuru wa Leta zunze ubumwe za Amerika, akaba atasigaye inyuma mu gushigikira ico cipfuzo ca Bank Ki-moon.
Mariella Bukuru
Messages
22 Gitugutu 2013, 13:38, par mpinduka
Hababashingantahe ba.M23 kobamereye nabi onu. kumashusho ndabona bakomakomeye ahubwo babasubire ibyifuzobyabo,ntantambara abanyagihugu bakeneye. ndabona harimo nabakenyezi haaaaaaaaaaa.mana tabara
22 Gitugutu 2013, 13:43, par fuso
yumutwewa M23 ntagoboba aribyara ba .FDRL? Barakomakomeye umutoza nishyamba