Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar : Abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
Madagascar : Abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu
vendredi 25 Gitugutu 2013
Abanyagihugu bo mu gihugu ca Madagascar bagera ku miriyoni indwi zirenga bazindukiye mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora niyo biteze ko ariyo azokura igihugu mu ndyane za politike kimazemwo imyaka itanu. Abitoza mirongo itatu na batatu nibo bahiganwa muri ayo matora yatanguye igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo.

Integuro y’ayo matora cane cane mu bice bitegereye ibisagara yagumye idahurizwako na bose gushika ku munota wa nyuma w’ukwugurura ibiro vy’itora. Umurwi utegura amatora muri ico gihugu waragerageje gukorera hamwe n’abandi vyega, mu gukemura utunenge twari tumaze gushirwa ahabona. Ibiro vy’itora 20001 nivyo vyateguwe hamwe n’ikarata y’itora imwe. N’aho uwo murwi wagerageje kuvyifatamwo neza, hagumye haboneka ikibazo c’ugutanga amakarata y’ubatora ku banyagihugu bo muri ico gihugu batisanga ku ntonde kandi bemeza ko biyandikishije.
Kuri utwo tunenge twose, umurwi utegura amatora n’abariko barayatunganya bararemesha ko bitaza kwica urukurikirane rwayo.
Umurwi utegura amatora umenyesha ko utegekanya, inyuma y’amatora, kujana vyihuta ivyavuye mu matora mu gisagara aho baharurira, kugira birinde abohava bahakana ivyavuyemwo. N’aho ariko biri uko, abahiganwa n’abatora baracafise amakenga ku busuma bushobora kugaragara muri yo matora.
Ayo matora arindiriweko urukiza kuko abanyagihugu bizeye ko azoheza indyane za politike ziri muri ico gihugu, ari nazo zatumye abahora bagifasha bagikurako amaboko, amashirahamwe arugara, abanyagihugu nabo bagera ku bihumbi 336 baratakaza akazi.
Egide Nduwimana