Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Malawi : Ubwicanyi kuri nyamwema bwasubiriye
Malawi : Ubwicanyi kuri nyamwema bwasubiriye
samedi 30 Ndamukiza 2016, par
Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu afise impungenge ko ba nyamwema bashobora gupfa bagahera muri Malawi, hatagize igikorwa kugira umutekano wabo ucungerwe mu maguru masha.
Ayo makenga y’amashirahamwe mpuzamakungu aterwa n’ubwicanyi bukorerwa uwo murwi wabo, ugizwe n’abaharurwa mu bihumbi icumi muri Malawi, bagashobora guhona kubera ubwicanyi bakorerwa.
Ibice vy’imibiri y’abo ba nyamwema bikoreshwa mu bikorwa vy’ubupfumu kubera ko hari abakeka ko bibazanira amahirwe n’ubutunzi.

Igiporisi co muri Malawi, guhera mu mwaka w’2014, kimaze guharura ibitero 65 vyakorewe ba nyamwema.
Iryo hohoterwa hamwe n’iyicwa ry’aba nyamwema biribonekeza kandi mu duce twa Afrika nko muri Mozambique na Tanzania, n’aho nyene ba nyamwema bakaba bicwa kubera izo mpamvu z’uburozi.
IGIHE
Messages
30 Ndamukiza 2016, 11:39, par Nene Nesta
Iyisi yacu iraduhanze igeze mugihe ca nyuma kabisa none banyamwema sabantu nkabandi Mana uraraba utabare isi yawe.
30 Ndamukiza 2016, 20:24, par MUYAHUDI
YEMW NIBARAB BAKINGIR ABOBANTU NTIBAHON BAZIZWA URUKOBA GWABO
30 Ndamukiza 2016, 20:29, par Riving
Reka Babakat Bihigira Icobirira%
30 Ndamukiza 2016, 20:33, par Riving
Reka Babakat Bihigira Icobirira%
30 Ndamukiza 2016, 21:36, par Jean son Ndikubwayo
NUKURI NUKURI NI MUBAREKE BAKOR ICO BASHAKA ARIKO ICO NOHANURA ABO BAGIZI BANABI NIBABUMBWE NIVYO BAFISE BAREKE KUTWICA BADUHORA UKO TWAREMWE BAME BIBUKA KO TWAREMWE NKABO BATAHURE KO TWESE TURI BENE MUGABUMWE NIBAZE DUSHIRE HAMWE DUKORE TURONDERE IBITUBESHAHO NTAKAMARO KO KURONDERERA UBUTUNZE MU MARASO YABANTU NUKURI URASHOBORA KUBURONKA BICIYE MURUBWO BURYO ARIKO NI KWITERA UMWAKU
3 Rusama 2016, 04:08, par Niyogusenga
Itsoniyumvi Ra Nukoa bobagiziba Nabiboreka Banyamwema Bakibe Ramumahoro Nomumutekano Nta Ngere Kukonabantu Nkabandi Mura Koze