Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: 5 mu bagirizwa urupfu rw’abamenyeshamakuru ba RFI bafashwe
Mali: 5 mu bagirizwa urupfu rw’abamenyeshamakuru ba RFI bafashwe
lundi 4 Munyonyo 2013
Abantu batanu boba bamaze guhagarikwa muri aka gatondo, bagirizwa kuba bari mu bagandaguye abamenyeshamakuru babiri babafaransa Ghislaine Dupont na Claude Verlon i Kidal mu gihugu ca Mali.
Ihagarikwa ry’abo bantu batanu ryoba ryagiriwe mw’ikambi y’abarwanyi ba MNLA, nk’uko vyashikirijwe n’umwe mu bajejwe umutekano aho muri Mali, ndetse akanamenyeha ko izo nkozi zikibi zitanu ubu zoba ziri mu minwe y’abasirikare babafaransa bari ngaho muri Mali, ubu bakaba barindiriye kubajana i Gao, kugira bacibwe urubanza.

Gushika ubu rero, Leta ntaco irabivugako ku bijanye n’iryo hagarikwa, ariko ikizwi gushika ubu, ni ukwo ico gikorwa c’ukurondera abagandaguye abo bamenyeshamakuru ba RFI catanguye ku munsi w’ejo kuva igihe c’isaha zine zijoro, gushika no muri aka kanya ico gikorwa kiriko kirabandanya. Ku bw’umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ukwivuna abansi Jean-Yves Le Drian avuga ko bafise ibimenyetso bigaragaza ukwo hishwe abamenyeshamakuru babo, kandi akaba yabandanije avuga ko, n’abandi bazofatwa kuko ibimenyetso bikwiye babifise vyabishe Ghislaine na Claude.
Umushikiranganji nawe w’imigenderanire n’ayandi makungu akaba avuga ko abo babisha bakoze ivyo ari intagondwa bariko bararwanya mu gihugu ca Mali. Laurent Fabius amenyesha ko batazigera bihagnganira nya murwi w’abicanyi badashaka intwaro rusangi co kimwe n’amatora.
Aristide Nizigire