Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Abagera kuri 35 bagirizwa urupfu rw’abamenyeshamakuru ba (...)
Mali : Abagera kuri 35 bagirizwa urupfu rw’abamenyeshamakuru ba RFI
mercredi 6 Munyonyo 2013
Mu masaha mirongo ine n’umunani, abakekwa 35 ko aribo boba baragandaguye abamenyeshamakuru babiri ba RFI nibo bari bamaze gufatwa, mu ntumbero y’amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwabereye i Kidal, mu gihugu ca Mali, ku genekerezo rya 2 Munyonyo uwu mwaka turimwo.
Amakuru ava mu gihugu ca Mali amenyesha ko inzego zijejwe umutekano n’igendereza vy’ico gihugu biriko birakora ibishoboka vyose kugira abo bakoze iryo bara batabwe muri yompi kandi bakurikiranywe n’ubutungane. Ayo makuru nyene abandanya avuga ko mu muduga abo bamenyeshamakuru bagandaguwe barimwo hashoboye gutorwa udupapuro twanditseko nimero za terefone ngendanwa, utwo natwo tukazofasha abariko barakora amatohoza.

Mu nzego zijejwe umutekano muri Mali bamenyesha ko bafise icizere ko abo badandaguye Ghislaine Dupont na Claude bazofatwa kuko uko iminsi igenda ariko baguma baronka ibimenyetso bashobora gukorerako. Gushika ubu, amakuru bafise n’uko abagandaguye abo bamenyeshamakuru babiri ba RFI (Radio France Internationale) boba bafitaniye isano n’abadandaguye abandi bafaransa babiri nyene mu mwaka w’2011.
Igihugu ca Mali n’ubufaransa bemeranije ko bategerezwa kumenya n’ukujana mu butungane abagandaguye abo bamenyeshamakuru babiri ba RFI, Ghislaine Dupont na Claude Verlon, batowe ibiziga umwanya muto gusa bafashwe bakagirwa imbohe n’akarwi k’abantu bitwaje ibirwanisho.
Igiporisi c’Ubufaransa cashitse mu gisagara Bamako c’igihugu ca Mali ku munsi wa mbere igenekerezo rya 4 Munyonyo 2013, mu ntumbero y’ukwifadikanya n’abajejwe umutekano n’igendereza mu gihugu ca Mali bari mu matohoza yo ku rwego rwo hejuru.
Egide Nduwimana