Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Abarorerezi barashima uko amatora yagenze
Mali : Abarorerezi barashima uko amatora yagenze
lundi 12 Myandagaro 2013
Amatora ku ncuro ya kabiri, mu gihugu ca Mali yarabaye ukuri kwamye ku munsi w’ejo kuwa mungu. N’aho ivyavuye mu matora bitaramenyekana, abarorerezi bari bayahagarariye bamenyesha ko yagenze neza bagereranije n’ayo ku ncuro ya mbere. Haraheze indwi zibiri gusa, ay’ubwa mbere yari yaranzwe n’utunenge tutari duke, aho mbere hari n’abanyagihugu bari babujijwe gutora.
Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu hariko hahiganwa Ibrahim Boubacar Keïta (IBK) na Soumaïla Cissé. Abarorerezi bamenyesha ko n’utunenge twibonekeje twaciye dutorerwa inyishu. Aho ni nk’ibiro vy’amatora bimwe bimwe vyari bidafise irangi basiga uwuhejeje gutora, ahandi naho nta bwiherero bwari buhari.

Général Sangaré, umukuru w’abari bahagarariye ayo matora yamenyesheje ko ibitagenze neza ku ncuro ya mbere vyabahaye icirwa kuko arivyo baciye bakorerako mu gutegura amatora yo ku ncuro ya kabiri.
Mu kurindira ibizova muri ayo matora y’umukuru w’igihugu, twobamenyesha ko n’abarorerezi mvamakungu nabo nyene bemeza ko atacotuma abizova mu matora vyiyamirizwa kuko muri rusangi yagenze neza.
Egide Nduwimana