Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Meriam Yahia Ibrahim Ishag buca arekurwa
Meriam Yahia Ibrahim Ishag buca arekurwa
lundi 2 Ruheshi 2014
Meriam Yahia Ibrahim Ishag yari yaciriwe urubanza rwo gupfa yagirijwe kuba yambikanye impeta n’umukirisu, yaraye yejejwe, ndetse akaba agiye gutaha mu rugo iwe, abandanye kwubakana n’umunega wiwe.
Inyuma y’aho amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu n’ibinyamakuru bitandukanye bihagurukiye bitabariza uwo mukenyezi w’imyaka 27 y’amavuko yagira yicwe azira uburenganzira bwiwe, amakungu asa nayaciye afata mu minwe ico kibazo, ndetse hakaba hari umwe mu bategetsi bo muri ico gihugu ca Sudani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yatangaje ko, uwo mukenyezi mu minsi ya vuba buca arekurwa akaja muhira iwe.

Ivyo rero bikaba bimenyekanye inyuma yaho, David Cameron umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza avuganiye kw’iterefone n’abarongoye ico gihugu bakamwemerera ko uwo mugore atacishwe. Mwomenya ko Meriam Yahia Ibrahim Ishag yaheruka kwibarukira mw’ibohero umwana w’umuhungu. Uretse igihano co kwicwa, akaba kandi yari yaciriwe kuzokubitwa inkoni ijana kuko yagirijwe ubushurashuzi.
Aristide Nizigire
Messages
2 Ruheshi 2014, 16:41, par J’M
Imana ishimwe cane!!!
2 Ruheshi 2014, 17:23, par Kirinyota
Bonne nouvelle, Merci Seigneur Dieu pour la libération de cette femme.
2 Ruheshi 2014, 17:28, par avite
Imana yakuye daniyeli mugobo rwintambwe iramukuye mumaboko ya bahakanyi.ngo naba islam.
2 Ruheshi 2014, 20:08, par jean de Dieu MANIRAMBONA
Imana ntikora mkabantu kandi ntivuga nkabantu iyivuze nkawuyivuguruza ukwemera kwawe kuragukijije irambire muvyeyi w’intungane
2 Ruheshi 2014, 21:13, par Bumwe
Urakoze Mana kuko uri inyishu.urakaninahazwa
3 Ruheshi 2014, 09:22, par Nelly
Yesu ahabwe icubahiro ibihe vyose
3 Ruheshi 2014, 10:23, par Niyongabo Louis
GOD IS good,biranezeye cane kubayarokotse murupfu yarimwo,muntu woburimungorane wizere uhoraho azagukiza
3 Ruheshi 2014, 10:39, par Bj
OOOOHHHH? iyo ni inkuru impimbaye caane gose. Imana ihabwe icubahiro et Meric beaucoup ,ku bantu bose bagize ico baterera kugira arekugwe. nkasaba ko ico gihano cofutwa muri ico gihugu kanatsinda hacika imanza zinyuranye n’amategeko.
3 Ruheshi 2014, 11:57, par sibomana joseph
imana ishimwe kuba reta ya sudan yaremeye kumurekura twmusabiraga kumana none yumvise amasengesho yacu.