Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Muri Afrika
Misiri : Abagera kuri 18 baguye mu gitero
Yanditswe taliki ya 4-12-2015 - isaha 12:14' na IGIHE

Abantu cumi na batandatu niba bamaze kumenyekana ko bapfuye baturiwe n’umuriro, abandi bagera kuri babiri barakomereka mu gitero cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, mu bunywero n’uburiro bw’ahitwa Agouza, mu gisagara ca Kayiro Mu Misiri.

Abateye ubwo bunywero n’uburiro baciye batungwa n’ayo bameze, igiporisi c’aho i Kayiro kikaba kiriko kirabakurikirana. Iyo nzu yatewe yaciye isha, umwotsi mwinshi ukaba ariwo waboneka mu ruhande rurimwo ubutambiro muri iyo nyubakwa.

Igiporisi c’aho i Agouza kimenyesha ko muri ico gitero hakoreshejwe igisasu ca peterori (cocktail Molotov) catewe muri iyo nyubakwa, haca haduka umuriro.

Umwe mu bayobozi b’iyo nzu yatewe amenyesha ko abateye boba bagizwe n’abakozi baheruka kwirukanwa, abandi bakavuga ko ico gitero coba caturutse ku kutumvikana kwaheruka kwibonekeza hagati y’abakozi bo mu kibanza c’ubutambiro (Discothèque), hamwe na bamwe mu rwaruka rwakunda kuja kwidagadurira muri ico kibanza.

Ivyiyumviro vyanyu

nta nkoni y’imana yokora ibintu bibi.kimwe gusa ibintu biriko biraba kw’isi ,turi kukanyuma pe !

15.12.2015 à 11:22
Kabura

iyoninkoniyimana yabahwikiye !!!!!

7.12.2015 à 05:35
ngendakumana jonathan

pumbafu sana hao

4.12.2015 à 12:38
nnnnnnn

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.