Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abantu indwi nibo baguye mu myiyerekano yabaye ejo
Misiri : Abantu indwi nibo baguye mu myiyerekano yabaye ejo
mardi 16 Mukakaro 2013
Mw’ijoro ryo kuri wa mbere igenekerezo rya 15 na 16 Mukakaro, i kayiro mu Misiri haradutse imigumuko hagati y’abashigikiye umukuru w’igihugu yahahora Mohamed Morsi hamwe n’igisirikare ca Leta. Iyo myiyerekano ikaba yahitanye abantu 7 bitavye Imana hamwe na 261 bakomeretse.
Iyo migumuko yatumye abantu bahasiga ubuzima ikaba ibandanya mu Misiri, indwi zibiri zikaba ziheze umukuriu w’igihugu Mohamed Morsi avuye ku butegetsi. Mw ‘ijoro ryo kuwa mbere rishira umusi wa kabiri, ugutana mu mitwe kukaba kwabandanije.

Kubw’umukuru ajejwe gukemura ibibazo vyihutirwa, Mohamed Soltan amenyesha ko abantu batanu aribo bishwe muri karitiye Guizeh hama abandi babiri mu gace ka Ramses, hegereye kimwe mu biraro vyegereye uruzi Nil hamwe n’ikibanza c’i Tahrir. Umukuru umwe wo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, muganga Khaled al –khatib yaramenyesheje ko abantu indwi aribo basize ubuzima muri iyo migumuko hagati y’abo bagize imyiyerekano hamwe n’abajejwe umutekano.
Kubwa Mohamed Soltan, muri iryo tana mu mitwe ryabaye muri ako gace ka Ramses abantu bagera ku 125 nibo bakomereketse. Abandi bashika ku 130 nabo nibo bakomerekeye i Guizeh. Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko abantu 6 aribo bakomerekeye impande y’umusigiti Rabaa al Adawiya, aho isinzi ry ‘abantu bashigikiye Morsi basubiye kugira imyiyerekano ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere basaba ko umukuru w’igihugu wabo yatembagajwe ko yosubizwa ku butegetsi.
Kubw’amakuru dukesha AFP, muri iyo myiyerekano no guhohoterana biriko bibera i Kayiro hamwe n’ibice bindi vyo mu Misiri abantu bagera kw’ijana nibo bamaze kuhasigira ubuzima kuva Mohamed Morsi akuwe ku butegetsi kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro, inyuma y’imyiyerkano yaguma isaba ko yotanga imihoho.
Floxella Karire