Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abasirikare basubiriye kurasa abari mu myiyerekano
Misiri : Abasirikare basubiriye kurasa abari mu myiyerekano
vendredi 16 Myandagaro 2013
Amasengesho yo kuri uno munsi kuwa gatanu aheze, nk’uko bari babihamagariwe, abayisiramu bitavye imyiyerekano mu gisagara mu kibanza ca Ramsès ahari abasirikare benshi. Abajejwe umutekano basubiriye kurasa, abanyagihugu 12 baca bitaba Imana harimwo n’umupolisi.
Haraheze iminsi ibiri gusa abantu bagera ku majana atandatu bitavye Imana mu myiyekano y’abari mu mugambwe Muslim Brotherhood. Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza ubwo bwicanyi. Abayoboka uwahoze ari umukuru w’igihugu bari bitavye ari isinzi akamo batewe.

Imyiyerekano bayitanguye bagisohoka amasengesho yo kuri uyu wa gatanu, batambuka bava i Kayiro berekeza mu kibanza ca Ramsès aho bategerezwa guhurira bose. Ntivyaboroheye kuko bari bategerewe n’abajejwe umutekano, baca batangura kubarungikamwo ivyotsi birakira, bikavugwa ko n’amasasu atari make yumvikanye.

Igitigiri c’abaguye muri iyo myiyerekano ntikiramenyekana neza. Amakuru ariko ava muri Misiri amenyesha 12, mu gihe mu mugambwe Muslim Brotherhood bamenyesha 25.
Egide Nduwimana