IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Mohamed Morsi ashobora gucirwa urubanza rwo gupfa

Misiri : Mohamed Morsi ashobora gucirwa urubanza rwo gupfa

lundi 8 Nyakanga 2014

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri Mohamed Morsi bivugwa ko ashobora gucigwa urubanza rwo gupfa kuko yatanze inkuru zijanye n’amabanga ya Reta yiwe, akaba yayahaye igihugu ca Qatar.

Mu makuru dukura ku kinyamakuru c’abashinwa , Xnhua ,amenyesha ko uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri Mohamed Morsi arashobora gucigwa urubanza rwo gupfa kuko yatanze amabanga ajanye n’umutekano w’igihugu ,akaba yayahaye inzego z’iperereza z’igihugu ca Qatar hamwe n’imboneshakure ya Al-jazeera yahitwa i Doha nk’uko amakuru yo mu butungane abivuga. Ibirego rero vyose ahamwe aregwa bikaba bishoboka ko bamucira urubanza rwo gupfa nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha.

Mwomenya rero ko kuva hagati y’umwaka w’2013 ,imigenderanire y’ivyo bihugu uko ari bibiri isa niyatosekaye kuva aho ubutegetsi bwa Mohamed Morsi butembagarijwe n’igisirikare.

Igihugu ca Qatar kikaba cari gicuditse cane n’abayoboke ba Mohamed Morsi ‘’aba frères musulmans ‘’. Abo nabo mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze w’2013 bakaba bashizwe mu gitigiri c’imirwi y’iterabwoba na Reta ya Misiri.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.