Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri:Sentare yemeje igihano co gupfa ca Mohamed Morsi
Misiri:Sentare yemeje igihano co gupfa ca Mohamed Morsi
mercredi 17 Ruheshi 2015
Sentare y’igihugu ca Misiri yemeje igihano co gupfa ca Mohamed Morsi,yahoze arongoye ico gihugu.Yagirizwa ko yatorokesheje abantu mu mabohero,akagirizwa kandi ubwicanyi bwabaye mu myiyerekano yo kwiyamiriza Hosni Mubarak.
Ico gihano co gupfa caciriwe abandi 90 bari kumwe na Mohamed Morsi.Abo nabo bagirizwa gutoroka ibohero hamwe n’ubwicanyi mu myiyerekano yo kwiyamiriza Hosni Mubarak,uwo Mohamed Morsi yasubiriye.
Mohamed Morsi yagirizwa kandi gusumira urusaku igihugu ca Iran, n’umuhari Hamas w’abanya Palestina, hamwe na Hezbollah yo muri Libani.Uwumuburanira yavuze ko azokwunguruza urubanza.
Ban Ki Moon ,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko barajwe ishinga n’ico gihano,akiyamiriza igihano co gupfa,mu buryo ubwaribwo bwose.
Mpohamed Morsi yakuwe ku butegetsi n’abasirikare mu mwaka w’2013.
Messages
17 Ruheshi 2015, 10:06, par Bucumi
Abazohanwa kucaha co kwica kubera imyiyerekano bo nibenshi,mutama morsi namba wihana, niwihane uwo nawe ngo azunguruza urubanza?ntavyonzi
17 Ruheshi 2015, 10:57, par Melchiade
Bucumi Konzi Komanteri Wahora Wandika None Iki Gihano Ca Morsi Gikwiye Nde Kubona Yatanguje Imigumuko Akugururir,abanyororo Agasumir,urusaku Abakeba Uwabikoze Mu Burundi ni Inde ?Hageme Ibango Reka Ngufashe. 1pacifique Vital Mbonimpa Rufyiri Sinduhije Nyangoma Rpa Minani Ndabitoreye Aaa Baransovye Natwe Dukwize Barya91 Baciriw,urubanza Mfasa Yemwe Tudondagure Pancras Rukundikiza Vuga Namwe 80 Basigaye Ndaza Kuraba Ko Bakwiye Zigy Vuganeza Munasema Wapi?
17 Ruheshi 2015, 11:39, par nkurunziza
ico nico gikwiye petero nkurunziza
17 Ruheshi 2015, 12:51, par Jeremi
Uraba wumva MAVOKA niwe ubarirwa,ngo bibwirwa benshi bikumva benevyo.
17 Ruheshi 2015, 22:22, par Iribuka
Uwoha Icogihano Nkurunziza be ningabo ziwe kubantu biciye mumabarabara
20 Ruheshi 2015, 12:29, par Riderman
Sitw twobona na petero nkurumbi aciriw naw urubnza rwiza nkugo’ basha misiri justice irackora bien!
25 Ruheshi 2015, 21:19, par NDAYIZEYE Furgance
Yesu Yatatanze Itegeko Yuko Tudakwiye Kwihora Ko Umuhozi Ar.Imana Uwoyaruciye Yayisubiriye Mugishingo!
6 Mukakaro 2015, 13:39, par Museke Vinsh
Ariko Mana Weee! Narinziko Igihano Cogupfa Cahavuye! None Ngo Bamumanike! Ahubwo Nibamucire Umunyororo Wo Guherayo!