IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Umushikiranganji w’ubutungane yirukanwe azira izina rya (...)

Misiri : Umushikiranganji w’ubutungane yirukanwe azira izina rya Muhammad

lundi 14 Ntwarante 2016, par egide

Umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Misiri, Ahmed al-Zind yakombowe mu kazi, inyuma y’aho amenyeshereje ko atotinya gufunga intumwa y’Imana Muhammad, igihe yoba yarenze ku mategeko.

Mu gihe yari mu kiganiro ku mboneshakure kuri uwu wa gatanu, Ahmed el-Zind yabajijwe namba azopfunga abamenyeshamakuru indwi bamututse. Mu nyishu yatanze, Ahmed el-Zind yavuze ko naho yoba ari intumwa y’Imana Muhammad yoyipfunga.

JPEG - 117.6 ko
Ahmed al-Zind, umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Misiri

Inyuma y’umunsi umwe gusa ashikirije ayo majambo, umushikiranganji wa mbere Sherif Ismail yaciye afata ingingo yo kumwirukana mu kazi.
Ahmed el-Zind yirukanwe mu gihe yari yasavye imbabazi Imana hamwe n’abamwumvise, avuga ko ururimi rwiwe rwatiriganye, akavuga ko ivyo yashikirije yabivuze muri rusangi.

Bamwe mu bakuru b’idini rya islam muri Misiri bari bamaze kugabisha Ahmed el-Zind, bamusaba kwubaha izina ry’intumwa y’Imana, hamwe n’ukwirinda kuvuga iryo zina mu gutyoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.