Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Umushikiranganji w’ubutungane yirukanwe azira izina rya (...)
Misiri : Umushikiranganji w’ubutungane yirukanwe azira izina rya Muhammad
lundi 14 Ntwarante 2016, par
Umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Misiri, Ahmed al-Zind yakombowe mu kazi, inyuma y’aho amenyeshereje ko atotinya gufunga intumwa y’Imana Muhammad, igihe yoba yarenze ku mategeko.
Mu gihe yari mu kiganiro ku mboneshakure kuri uwu wa gatanu, Ahmed el-Zind yabajijwe namba azopfunga abamenyeshamakuru indwi bamututse. Mu nyishu yatanze, Ahmed el-Zind yavuze ko naho yoba ari intumwa y’Imana Muhammad yoyipfunga.
- Ahmed al-Zind, umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Misiri
Inyuma y’umunsi umwe gusa ashikirije ayo majambo, umushikiranganji wa mbere Sherif Ismail yaciye afata ingingo yo kumwirukana mu kazi.
Ahmed el-Zind yirukanwe mu gihe yari yasavye imbabazi Imana hamwe n’abamwumvise, avuga ko ururimi rwiwe rwatiriganye, akavuga ko ivyo yashikirije yabivuze muri rusangi.
Bamwe mu bakuru b’idini rya islam muri Misiri bari bamaze kugabisha Ahmed el-Zind, bamusaba kwubaha izina ry’intumwa y’Imana, hamwe n’ukwirinda kuvuga iryo zina mu gutyoza.
IGIHE
Messages
14 Ntwarante 2016, 15:11, par MUSANGIRANGENDO
YARAKWIY GUTARAMURWA NKIMYAKA ITANU HAMA BAKAVYIHWEZA.
14 Ntwarante 2016, 20:40, par Bigirimana Moussa
Ahubwo Nashaidiliye Bushasha Kuko Ntakiri Umuislam
15 Ntwarante 2016, 07:21, par Mbinga Musa Mbinga
UYO MUSHIKIRANGANJI LANATULLAH ALAYHI,KUMUKOMBORA VYONYENE NTIBIKWIYE,AHUBWO YARAKWIYE GUKUBITWINTAHE MUGAHANGA,KUGIRA KIBICIRWA KUBANSI BIYONTUMWA Y’IMANA.
15 Ntwarante 2016, 10:15, par Nahimana leonce
Imana igituma yitwa imana irangwa no kugoira imbabazi imana ibaye nkabantu isi yorimbuka mukanya isase
15 Ntwarante 2016, 10:52, par Abdul
Ivyo yavuze birunvikana gufung umuntu yakoz ikosa ntibirabangô nitumwa, itegeko rifata uwariwe wese