Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Morsi yagirizwa gukorana na Hamas
Morsi yagirizwa gukorana na Hamas
vendredi 26 Mukakaro 2013
Abategetsi ba Misiri bamenyesheje ko Mohammed Morsi yahoze ayobora ico gihugu afunzwe kubera ko yagirizwa gukorana n’umurwi w’intagondwa z’abanyapalestina wa Hamas.
Ngo yoba yarifatanije n’uwo murwi wa Hamas mu kugira ibitero ku mabohero amwe amwe mu ntumbero yo gutorokesha abasiramu b’intagondwa bari bapfunzwe bo muri uyo muhari mu mwaka w’2011 igihe haba imyiyerekano y’abanyagihugu bo muri Misiri biyamiriza intwaro ya Hosni Mubarak .
Morsi afungiwe ahantu hatazwi kuva aho igisirikare kimukuriye ku butegetsi igenekerezo rya 3 z’ukwezi kwa Mukakaro. Ibi bivuzwe mu gihe abamushigikiye ndetse n’abamurwanya bategekanya kugira imyiyerekano izoba irimwo abantu benshi mu gisagara ca kayiro .Muri iki gihe rero, mu gisagara ca Kayiro hari abasirikare benshi, eka ndetse n’ibiduga vy’indwano. Ntayindi nkuru iriko iravurwa muri ico gihugu atari ipfungwa rya Morsi.


Karire Floxella